<< TWIBUKANYE BISHOTSE TWIGISHANYE >>
Imana mukurema umuntu yavuze ati:tureme umuntu mw’ishusho yacu ase natwe, mw’ishusho y’Imana niho umuntu yaremwemwo.
.:<< Itanguriro 1:26-27>>.
Bene data ikuntu cose Imana yashize k’umubiri wacu yabonye ko ari ciza kandi kibereye, ivyo vyose n’uko idukunda kandi irabinezererwa iyo ituravye ikatubonera muri ya shusho yaduha.
Ariko rero uno musi abantu bariko babaza Imana m’ukuyigaya,kuko biyambura ubwiza Imana yabahaye bakiyambika ubundi bwiza. None ko biyambuye ubwiza bw’Imana biyambitse ubwande? Ico n’ikibazo.
Ncuti yanje wewe uriko uriyambura ubwiza Imana yaguhaye mukwimyora umubiri mukumwa ingohe muguhindura umushatsi uko wigombeye eka n’ibindi n’ibindi,Niwibaze,uru wande ko wahisemwo kukubabaz Imana? Ncuti yanje ndaguhanura wigarure bigishoboka Imana ikiri kuntebe y’imbabazi, kuko nimba biruko biri uno musi siko bizokwama.
:<<Umusiguzi 11:9 >>.
Haravuga ati:Musore nezerererwa ubusore bwawe kandi umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bwawe ugendere mu nzira z’umutima wawe no mu kuraba kw’amaso yawe,ariko wame ubizi yukw’Imana izogushira rw’ivyo vyose.
Imana iguhezagire we wihanganye ugasoma aya majambo,n’uyiyumvireko hama uyarungikire nabandi tubandanye dufashanya Amen.