Kumenya ubuhanuzi

« NTUKANCIRE URUBANZA, ABAHANUZI BIBINYOMA, NTIDUSENGA UMUNTU, MENYA IVYANYU nuturekere ivyacu »AMAHORO nimigisha bibe bari mwisi bose ariko cane cane abafise inzara ninyota vyo kugororoka kuko aribo bazohazwa. 

Ariko kandi amahoro n’imigisha bibe kubarundi nabarundikazi bashasha aribo bagiye kwinjira UBURUNDI BUSHASHA igihugu c’Amata n’Ubuki kitazotwagwa n’Imigambwe n’Amoko. 

Ncuti zumusaraba, mbandanya kubereka ingene abantu benshi bikigihe baguma bahabwa ubwenge na satani ariko bo bakibwirako buva ku Mana. 

Unomusi, iyo umuhanuzi, umuvugabutumwa, canke uwariwe wese ahagurutse avuga ijambo ryImana ryukuri abenshi bikigihe baramugwanya cane bakoresheje ubwenge nivyivugo biva kuri satani. 

Mbega ubuhanuzi bwukuri, ubutumwa bwukuri uzobumenyeshwa niki? Nubuza buhamagarira abantu kwihana noguhindukirira Imana ataguca kuruhande canke atakuresha abantu nakarimi gasosa. 

Ariko nubwo ivyo vyose bitahuritse, satani aguma atanga ubwenge namayeri bipfuye. Akabiha abagereranywa nabanyabwenge bivyanditswe batagira mpwemu wukuri. 

Mbega iyo ubutumwa buvuzwe canke ubuhanuzi bigashigikigwa nijambo ryanditse muri bibiriya, mbega wewe ubisoma icukwiye gukora nuguhaguruka ugatangura kwirarira canke ukwiye kwisuzuma indome kuyindi hama ahutsindwa ukihana? 

Abiki gihe suko. Kuko ikuzokwereka ko umuntu yatsinzwe nijambo nubutumwa, nuko uza wumva umuntu atanguye ngo :

NTUNCIRE URUBANZA, NTUDUCIRE IMANZA. Kandi ntamwanya mwene abo bantu bigirira wogusoma ivyanditswe ahubwo bigwanira mumafuti bakoresheje utu jambo dupfuye nkatumwe satani yokoresha agerageza Yesu. 

Irijambo ntuncire urubanza, abiki gihe bararifashe mumutwe mbere nabadasoma bibiriya bararizi. Ariko umunyabwenge nuwihana kuko ako kajambo ntikazokuraho inkota numuriro vyImana. 

Mwebwe barupinzi, mwebwe ntumva mugereranywa nabo kuri NOWA nimutumvira imburi nubuhanuzi vyose mubwigwa mugiye kurandugwa atambabazi kubera ako kantu kose wanka kwihana wakaburiwe. 

Abandi ubabwirako boreka gusenga ibigigwamana bavyita Imana ukumva bireguza ngo NTIDUSENGA UMUNTU. 

Akarorero Gato :

Unomusi wumva ngo hariho amadini arongowe nabitwa aba Papa. Mbere bakongerako ngo MWERANDA canke MUTAKATIFU mbere akaba afise ububasha bwo kugira abandi aberanda. 

None mbibarize mwebwe banyamuciryanino. 

Mukurahe ko mwisi hariho umweranda? Mbega niyihe bibiliya ivuga ko mwisi hari umweranda? Mbega haruwubdi MWERANDA atari IMANA YEHOVA yonyene? 

Ariko ngo mwebwe mutwagwa numweranda? Ninde yamugize umweranda? Noneho ntakiri umuntu ahubwo ni IMANA kuko niyo nyene ubweranda yonyene. None ntimwumva ko uwo abarongoye yigize Imana? Ngo nimweranda? 

Akamaramaza gose. Ngo mbere ararekuriwe kugira abandi aberanda! Biratangaje cane ko harumuntu wo mwisi ajejwe gucira imanza abandi bamwe akabeza akanabagira aberanda. 

Ariko kweri, nimba atari uruhumyi muriko, murabona kweri ko umuntu winyama namaraso arindiye urubanza nkatwese, yoshobora kugira abandi aberanda? Urumva abaciriye imanza birarangiye?

Uwo niwe yigize imana yisi nabamuyoboka. Yemwe yemwe nimugarukire Imana yukuri mureke gusenga ibigigwamana. Ntamuntu numwe mubari mwisi wumweranda kiretse IMANA YEHOVA gusa. Ninayo ifise ububasha bwoguca imanza zukuri bamwe ikabagira aberanda abandi abanyavyaha. Ivyo navyo ngo turindiye umusi wumuhero. 

Rero Bagenzi, mwebwe mwishwe nukwirarira gusa hakwihana. Twese twemegwa nImana kuko twihanye hama tukaza twiyeza gusa. Agandiho turabanyavyaha twese. Kiretse uwejejwe namaraso ya Yesu KRISTO wenyene. 

Rero utwo tujambo mwitaza mugomba kwiburanira ubwo nubupfu bubi. Iyo mubonye ijambo, banza murisuzumishe bibiriya hama uryirabisheko urigire icirore usanza utageze ku munzane, ihane iyeze. Ivyo bindi mwivugisha nimurindire muzobana ingero yicaha iyariyo. 

Umunyabwenge nuwuriko yiyeza kuko umusi wo kutazovuga ubwo bujambo bupfuye urageze aho abo mwita imana zanyu naberanda atanumwe azobaburanira. 

Ivyari vyaragizwe ibanga imyaka myinshi bigiye kuja ahabona hama umuntu wese ahanwe canke ahembwe. 

Yemwe yemwe yemwe hunge, hunge, hunge hungire muri Yesu neza. 

Abariko ikimenyetso curupfu bose ntibumva kuko nubundi baba arabo gupfa. Icompa mukihana mukiyeza mukava inyuma yababahenda bigize Imana. 

Mana ugwize igitigiri vyabakumvira. 

Ubu butumwa mubushikirijwe kandi na :

Ministeri y’Ivugabutumwa « UBURUNDI BUSHASHA » Ivyabona vya KRISTO I YERUSAREMU, i Yudaya, i Samariya no kugeza kumera Z’ISI. 

Niyo kandi :

Ministere chretienne « UBURUNDI BUSHASHA » Les temoins du CHRIST a Jerusalem, a Jude, a Samaritin et au monde entier. 

2 réflexions sur “Kumenya ubuhanuzi

  1. Wa muntu, mba ndakwishuye none waramaze kunyita rupinzi rugiye kurandurwa ata mbabazi. Nari kuguha insiguro Bibiliya itanga, none waramaze kuvyita « utu jambo dupfuye nkatumwe satani yokoresha agerageza Yesu ».
    Burya nta kintu kigoye nko kurwana na « NDANSE ». Kandi ngo « Nta wuhomera iyiyonka ». Ni wigumire uko. Uwo muzigo w’Abapapa (womengo ni agasenga kabo) bandanya uwikoreye kuko mbona ari vyo bikuraje ishinga. Ariko iyo mba naguhanura ukanyumva, nari kukubwira nti « Tura uruhuke kuko wiruhishiriza ubusa ». Uwo mutwaro wikoreye ukuvunira ubusa ataco uri bushobore guhindura.
    Ndasubiye kukwibutsa ivyo Paulo Mweranda (aberanda ndazi ko bakugora) atubwira ati : » Toi, qui es-tu pour juger un serviteur d’autrui? Qu’il reste debout ou qu’il tombe, cela ne concerne que son maître; d’ailleurs il restera debout, car le Seigneur a la force de le soutenir » -(Romains14, 4. )
    Mbega uri inde uri iki ngo wikorere imitwaro y’abandi ubacira rubi? « Mais toi, pourquoi juger ton frère? Et toi, pourquoi mépriser ton frère? Tous, en effet, nous comparaîtrons au tribunal de Dieu » (Romains 14, 10).
    Nayo abo uvuga ko bagiye kurandurwa, bazobaho kuko Uwabaremye abahagararira. Kandi ntiwibagire ko babaho canke bapfa, baguma ari ab’Umukama yabaremye akaba ari nawe abarwanira akanabakomeza muri izo ntenge nke n’amagara make vyabo.
    Ndagusubiriyemwo rya jambo wanka, ntuncire urubanza kuko munsi y’ijuru, nta n’umwe ari mweranda yoca Imanza. Imbere y’Imana Rudasumbwa, nta n’umwe atagira akabi kamwagira. « Mbega umuntu yagenewe gupfa,(l’homme mortel), yoshobora kuba intungane imbere y’Imana? Imbere y’Uwamuremye, umuntu yovuga ko atagira agatotsi ? N’abakozi biwe ntiyabizigiye, n’abamalayika biwe baramugararije » (Soma Yobi 4, 17-18.) « Umuntu yobura agatotsi gute ? yoba intungane gute, uwavyawe n’umukenyezi ? Imana ntiyizigira n’aberanda bayo, n’Amajuru ntiyigera abura agatotsi imbere y’inyonga zayo, mbe ndareka iyo mburakimazi y’umuntu yuzuye ububegito, agotomera ibicumuro nk’amazi ? ». ( Yobi, 15, 14-16).
    « Ninde yovuga ngo jewe narartyoroye umutima wanje, ngo nta mwenda w’igicumuro ngifise? » (Imigani 20, 9.)
    Yohani Mweranda nawe ati: “tuvuze yuko ata gicumuro dufise, twoba twihenze twebwe nyene, kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe. Twemeye ibicumuro vyacu, yo ntahemuka n’intungane, bituma iturekurira ibicumuro, kandi ikatwoza inabi yose. Tuvuze yuko tutacumuye tuba tuyigize umubeshi, kandi ijambo ryayo riba ritari muri twebwe”. (Ibaruwa rya 1 Yoh. 1, 8-10).
    Irekere rero kundaba ribi, kandi uture uwo muzigo wanje wikoreye uwushire hasi ubone kuruhuka kuko turasa, dusangiye ubupfu. Nayo ivyo kwemera, kwiyeza, kwihana, umunzane wo kubipima ufiswe n’Imana Rudasumbwa gusa akaba ari na Yo gusa itanga impembo ku babi canke abeza.
    None twiruhishiriza iki? Ego, gutanga impanuro ni vyiza, ariko gutana n’agati umuntu si ivyacu habe na mba.

    J’aime

Les commentaires sont fermés.