Genzura murabe ibimenyetso mumenye yuko ubuvugishwa ari ubwukuri.

Yesu ashimwe bene data ejo mumasengesho twarimwo Imana yaravuze ko kuva ejo vendredi le 29/07/2016 gushika mardi le 02/08/2016 dusabwa kwisonzesha tugafungura 18h zo kumugoroba kandi Imana yasavye ko twosengera ibintu 2:1.kwezwa mumitima yacu tukitandukanya nikibi cose

2.tureke ubugombe bw’Imana bukore 
Imana yarasavye ko muriyo misi itanu atamuntu yosengera uwundi mutwaro atariyo mitwaro 2

Imana yarasavye kandi ko mwosengera ukwezi kw’umunani kuko abantu bagiye kuronka umugisha kandi niko kwezi hagiye kubamwo amaborogo n’imibabaro biteye ubwoba kandi bitigeze kubaho 

Imana yaravuze ko ivyo yasezeranye bigiye gushika ikimenyetso hazorwa imvura hagati y’ukwezi kwa munani nukw’icenda nico kimenyetso ibahaye ,rero umuntu wese ejo arahamagariwe gusenga kubwivyo Imana yadusavye KWEZWA no Kureka UBUGOMBE BW’IMANA BUKORE.Imana ibahezagire .AMEN

Ivyo bimenyetso muhawe nimwabona bishotse muzomenye yuko ubwo buvugishwa ari ubwukuri.