Ubuvugishwa n’abavugishwa

UBUZIMIRE MU MPWEMU. Amahoro Bakundwa b’Imana mwese.Uyu musi ndongowe kuvunir’akagohe amasinzi y’abantu basenga,Abayobor’abandi n’abayoboke b’amashengero n’imigwi y’abasenga,ama ministere n’ivyumba vy’amasengesho,abasenzi,abavugishwa n’abavugabutumwa bose.Iki gihe haraharawe cane imvugo ngo:<Imana yavuze,yambwiye,ikubwiye ngo…neretswe…>Ikizazanir’abantu usanga igitigiri kinini c’abo bavuga ko babwirwa,bakavugishwa,bakerekwa,usanga aribo buzuyemwo:Uburyarya,ubusambanyi,ubusuma bw’ubwenge(escroqueries)ubudumbidumbi,urwanko ubwibone ukwiganza,ugucaniranira imanza,ukunegur’abandi n’ubundi bubi bwinshi!Abo lero kenshi bakunda kuronder’aho batabazi neza,baronder’abo bifatira,ariko ababazi vy’ukuri barumirwa bumvise bivugwa ko ari abakozi b’Imana soma yuda 1:4-10. Vyoba biva kuki? Mur’iyi misi ya nyuma,kubw’ubuzima bugoye bufatanije n’ubudadarare bwo mu mitima,ivyo vyatumye abantu bitorera urudandazwa mu vy’Imana babifashijwemwo n’Abakozi b’Imana bamwe bamwe basenger’abantu kubw’amaronko ngo barabagize abarongozi ngo n’Imana yabivuze.Ako n’akamaramaza jew har’uwambwiye ati:Jewe nari niyicariye nja numva ngo imana ivuze ngo bansukeko amavuta!ati ariko mukuri,sinziyo biva n’iyo bija!None nk’uyo atanguje umugwi cank’ishengero vyogenda gut?N’aho lero ingwara yinjiranye,irarandagata gushik’aho ubugororotsi mu bakizwa busigaye ari umuzi w’ibuye!Ubu ho datawanje ugize ng’uravuga uja wumva ngo mama reka guc’urubanza,aho ngo tur’abana b’abantu,ngo twambay’umubiri,ngo turacari mw’isi,n’utundi tunyishu tw’ugwitwazo rw’akameremere.Bantu mwese mwitwa ko mwameny’Imana,murabe neza ntimwemere ko indyarya zibazimiza,mukazicuza kwiherezo,kuko uwuzimiza n’uwuzimira bose ingero n’imwe.Aho lero muhabere maso kuko imisi ni mibi!Namwe bigisha,namwe bavugishwa,ni muze dutinye Imana kandi tuyubahe,twirinde cane kuyovya izi ntama z’Imana kuno tutiyubaye mumenyeko tuzozibazwa!Ubuzima bugoye ntibudukoreshe amakosha kuko iki gihe ivy’abitwa ngo barasenga,bisigaye vyabaye urudubi!Ndaziko ukuri kubabaza,ariko sinohora nohava ndabibazwa.Tugarukire Ishengero rya Kristo,mu kwisuzuma,n’ukwihana nyakuri,ivyo birakwerekeye uko uri kwose,n’ico uri cose,nta numwe musi y’izuba ararzngera kwihana.uyu musi mbaye ndagarukurije ngaho,tuzosubira,mugire umugisha.
Jean Paul