Indwi ya 17 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (26, 1-9)
Mu gihe Yehoyakimu, mwene Yoziyasi, umwami w’Ubuyuda, yimikwa, Umukama yabariye Yeremiya ati: «Ng’iri irivumerewe n’Umukama: Hagarara ku mbuga y’ingoro y’Umukama. Abava mu bisagara vy’Ubuyuda baza gusenga mu ngoro y’Umukama, ubabwire aya majambo; ntusige na rimwe. Kumbure bohava bumva, umwe wese agahindukira agaheba inzira mbi yahoramwo, kugira ngo nanje nigarure ndeke kubatera nk’uko nari niyumviriye kubatera kubera ububi bw’ibikorwa vyabo. Genda rero ubabwire uti: « Ng’iri ijambo ry’Umukama: Nimwanka kuntega amatwi ngo mugendere muri ya mabwirizwa nabashinze, ngo mwumvire amajambo y’abasavyi banje nama mbarungikira kubahanura kw’izina ryanje mukanka kubumvira, nzogirira iyi ngoro ico nagiriye iy’i Silo kandi iki gisagara nzogihindura ikivume mu maso y’ibihugu vyo kw’isi yose.»
Abaherezankuka, abahanuzi n’abantu bose barumvise Yeremiya ariko aravugira ayo majambo mu ngoro y’Umukama. Amaze kuvuga ayo majambo yose Umukama yari yamutegereje kubarira abantu bose, abaherezankuka n’abahanuzi baca baramufata, bavuga bati: «Uri uwo gupfa! Ni kuki wavuze kw’izina ry ‘Umukama aya majambo ngo: Iyi ngoro izomera nk’iy’i Silo kandi ngo: Iki gisagara kizocika agahinga ka nyaganande?» Ni uko rero, abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu ngoro y’Umukama.
IZABURI 68 (69) 5, 8-10, 14
Icit.: Muri iki gihe kiroranve
nyumvira Mana, wuzuye imbabazi.
Abanyankira ubusa barusha ubwinshi umushatsi wanje,
abanziza ubusa ntibagira igitigiri:
jeho ko ata ho nivye, nokwishura nte?
Na none ntukwa mporwa Wewe,
namaramajwe n’uko nakwiguze,
mbere no mu muvukano nsigaye meze nka murundi,
bene mama ntibakimenya.
Kuko natakajwe n’umwete w’ingoro yawe,
kuko igitutsi ututswe kinsesêra.
Jeho mboneyeho kugutakambira, Mukama;
muri iki gihe c’ukunyereka ubuntu bwawe, Mana mfise.
N’unyishure kubera imbabazi nyinshi umfitiye,
kuko ari Wewe woshobora kunkiza rwose.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Turabikuzamvye, yaga, Mukama,
abasuku bawe bariko barumviriza:
ni Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (13, 54-58)
Muri irya misi,
Yezu yagarutse mu ntara iwabo, arigishiriza mw’isinagoga ryabo. Abantu baratamarirwa bavuga bati: «Mbega ubwo bwenge n’ivyo bitangaro biva hehe? None, urya si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya, benewabo si Yakobo, Simoni na Yuda, bashikibe bose ntitubana? None, ivyo bintu vyose abikura hehe?» Bibatera umutima mubi.
Yamara Yezu We ababwira ati: «Umuhanuzi ntiyigera aninahazwa mu gihugu yavukiyemwo no mu muryango iwabo.» Nta bitangaro vyinshi rero yahagiriye kubera ubugaba bwabo.