Muri benshi bamaze umwaka bikora hatowe umwe gusa.

Ndabahaye mwiriwe mwese bene Data!
Reka aka kanya dusangire iri jambo rikoze ku mutima wanje riri muri Esteri 2:1-20.

N inkuru z ‘ingene Esteri yatoranijwe kuba umwamikazi igihe Vashiti yari ahejeje kugarariza umwami Ahasuwerusi.
Amajambo yanezereye ni menshi, arko hariho iryambereye inkoramutima caaaaane. Niri rivuga ingene abigeme bitegurira kurengutswa i bwami bitegura mu kwisiga, kwambara neza kugira baze baseruke imbere y ‘umwami ngo bayagayaga.
Abo bigeme ntako batagira mu kwisiga kugira bikunde baze bashimwe n ‘umwami hanyuma begukire kuba abamikazi. Wewe wumva i uja kuba muri abo bigeme wari kubigenza gute? Ushiremwo uce utangura kwikora. Uvyuka wikora ukarinda uryama wikora ata mukubuzo ufata ngo ukubure imbuga, nta suka, nta………, urumva n ‘ukwiyoga, kwisiga, kwambara….
Hari icanteye ubwoba muraya majambo 🙉🙉🙉🙉

Nuko mubigeme beeeeeeeeenshi, b ‘ibihugu vyiiiiiiiiiinshi, bamaze umwaka bikora, HATOWE UMWIGEME UMWE GUSA🙋🏻👍👍👍 Esteri aratoranywa ari umwe gusa mu bakobwa amajana n ‘amajana.
Abo bigeme ndabagereranije na twebwe abizera Umwami Yesu. Bo bamaze umwaka wose biyoga bisiga kugira bikunde batoretwe kuba abamikazi.
Mbega jewe, mbega wewe, tumaze imyaka ingahe twiyoga mu maraso ya Yesu Ckristo kugirango ni twarenguka imbere ya IMANA,YESU NA MPWEMU YERA tuze twemerwe. Mbega dufise umwete ungana gute wo kwitegurira ubwo bukwe?

 Ubwo ntaho duhora tuvyanjanjwako? Yesu adutabare. Ubukwe twitegurira busumba ubw ‘umwami ahasuwerusi na Esiteri.
Ngo Esiteri amaze gutoranywa, umwami ahasuwerusi aca aratumira, abami b’ibihugu vyiiiiiiiinshi baza kurorera ubwo bukwe. Mbega tweho siko bizogenda Abamarayika isinzi batamarigwa, babazanya ngo mbega abo ni bande kandi bavuyehe? Ndakwifurije kuzotaha ubwo bukwe mugenzi!! UMWAMI YESU ADUHEZAGIRE TEEESE. Amen!