_*Indwi ya 18 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE *
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (31, 31-34)*
Ng’iri iriyazwe n’Umukama. Hagiye kuza imisi nzogiranira insezerano rishasha n’igihugu ca Israyeli. Iryo sezerano ntirizosa n’iryo nagize kumwe na ba sokuru babo wa musi nabafata ukuboko kugira ndabakure mu gihugu ca Misiri. Iryo sezerano ryanje ni bo batarikurikije; ni ho nanje naca ndabumvisha ububasha bwanje. Ng’iryo rero isezerano nzogiranira n’inzu ya Israyeli iyo misi irangiye, ni iryavumerewe n’Umukama: Nzobashiramwo itegeko ryanje, ndaryandike mu mutima wabo. Nzoheza rero mbe Imana yabo, na bo babe igihugu canje. Ntibazoba bacirirwa barigishanya babwirana ngo: «Menya ubugingo bw’Imana.» Bazomenya bose kuva ku bato gushika ku bakuru ko ari Umukama yabitangaje: kuko nza kubarekurira ubuyobe bwabo, nongere simbe ncibuka igicumuro cabo.
*IZABURI 50 (51) 12-13, 14-15, 18-19*
*Icit.: Duhe, Mukama, umutima mushasha.*
Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.
Ndaba ryiza nka kera mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkore.
Ababi nzobigisha ivyo ushaka,
abacumuye baheze bakugarukire.
Imperezwa nari kuguhereza ntuzibabaye,
imbagwa nari kuguha kw’iciru ntiwozishima.
Imperezwa igushika ku nyota ni umutima wigaye;
umutima wigaye kandi waduhiwe n’ibicumuro nakoze,
ntuzowushiburira kure, Mana yanje.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Amajambo yawe, Mukama, aduha umutima n’ubuzima, kuko ari Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (16, 13-23)*
*Muri irya misi, Yezu yari ashitse mu ntara ya Sezareya ya Filipo; araheza abaza abigishwa biwe ati: «Mwumva Umwana w’umuntu bamuvugako iki?» Bamwishura bati: «Bamwe bagira ngo ni Yohani Batista, abandi Eliya, abandi ngo ni Yeremiya, abandi na bo ngo ni umuhanuzi mu bandi.» Yezu asubizayo ati: «Mweho, mwiyumvira ko ndi nde?» Simoni Petero yishura ati: «Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.» Yezu na we ati: «Urahiriwe Simoni mwene Yona, kuko atari wewe uvyibwiye, ubimenyeshejwe riho na Data ari mw’ijuru. Nanje, ndabikubariye, uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje, n’ingabo za shetani ntizizoyisenyura. Nzoguha impfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru. Ico uzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico uzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru.» Agirako yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire uwo babwira ko ari we Kristu. Kuva ico gihe, Yezu atangura gusobanurira abigishwa biwe ko abwirizwa kuja i Yeruzalemu, akahababaririra menshi, ababazwa n’abakurambere, abaherezankuka bakuru n’abanditsi, akicwa, hanyuma ku musi ugira gatatu akazuka. Petero rero amwihereranije, aja mu vyo kumutonganya ati: «Ntirikabe Mukama, ivyo ntibizogushikira n’intete.» Yezu ahindukiye, abwira Petero ati: «Va ho, genda wa shetani we! Unyosha nabi, kuko ivyiyumviro vyawe bidasa n’ivy’Imana, bisa n’ivy’abantu.»*