Ijambo ry’Imana

Yesu ashimwe! dusome,1 Ingoma 4:9-10,Yabesi yarusha icubahiro bene nyina, kandi nyina yamwise Yabesi, kuko yavutse,ati Namushikanye bingoye. Yabesi atakambira Imana y,Abisirayeli,at,icompa ukampa umugisha,ukungura urubibe rwanje, ukuboko kwawe kukagenda kundamira,ukandinda ivyago, singogwe!! Nuko Imana imuha ivyo yasavye,amen

Mwenedata, muriki gitondo ushobora kuba umeze nka Yabesi dusomye aho, ushobora kuba nawe mwivuka ryawe bitoroshe, naho umuvyeyi wawe yoba atakwise izina rijanye nigihe, numwanya yararimwo, muruyu mwanya bishobora kuba bikugoye, nkunda iryo jambo cane,ngo yatakambiye Imana, arasaba, ibaze nawe, mbega ntaco woyisaba muri kino gitondo? Ntaco wotakamba usaba? Yisabe nkuko yahaye Yabesi ico yasavye, nawe mvuze ngo uragahabwa, icusaba, urakumvigwa na Data Rugiravyose,agutabare, akwagure, akurinde amagogwa, anzira, ubukene, maze akwagure, yagure urubibe rwawe nkuko yabikoze kuri Yabesi, amen,ikigitondo Uwiteka abagendere ,abakure aho mwari mumaze igihe mumurindiriye, abimure, abageze mubisubizo vyanyu nkuko yagiriye Yabesi, akamuha icubahiro gusumvya bene nyina, nawe usumbe bene nyoko kuko wemeye ugacabugufi ugakurikira Imana,amen

Betty Ira