Ubuvugishwa bwawe

Dusangire ijambo ,yesaya41:8-13,Ariko weho Isirayeli musavyi wanje, Yakobo uwo natoranije,ruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wanje: we we uwo natoye nkagukura Ku mpera z,isi, nkaguhamagara nguve Ku mfuruka zayo, nkakubwira nti urumusavyi wanje, naragutoranije sinagutaye, ntutinye, kuko ndikumwe nawe, ntukihebure kuko nd,Imana yawe, nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira nukuboko kw,iburyo kw,ukugororoka kwanje.Ehe abakurakiye bose bazoteterwa bamaramare, abagutonganya bazocika ubusa, baranduke. Abaguhaririza uzobarondera ,ubabure, kandi abakurwanya bazocika ubusa bakamangane.Kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw,iburyo, nkubwire nti, ntutinye ,ndagutabara,amen​

Sinzi iyo Yesu yagutoraguye, sinzi imfuruka z,isi yagukeyemwo, kimwe nzi nuko yagutoranije kuva kera cane,ikindi ngo yagukuye kureeeee,iyoooo, wewe urahazi jewe nzi ahanje kuko twese ntitwazananye inzira imwe, uyumugoroba akubwiye ngo ntutinye, sivyo, peu importe ivyo uriko ucamwo, ngo ntutinye kuko ni Imana yawe, yanje, ngwigufashe ukuboko, amen,nureme mugenzi, arakuremesheje nyene vyose, nyene kubirema, aragutaye, ngo urumukunzi wiwe, ndashima ko abakunzi bo mw,isi boduheba ariko dufise umukunzi mwiza adahindagurika Yesu wanje, aragahezagigwa iteka ryose, rema mukundwa ivyurimwo niwe ubuzi nanje nzi ivyanje, ariko nturi wenyene, ntutinye !!!! Umugabo, intare ikankama vyose bikubama, vyose,iravuze ngo,ntutinye, wewe ugwaye, ugwaje, urushe, ushonje, ubabaye, watawe, wasuzuguwe, humura, aragutabaye, ntutinye, amen

Betty Ira