Nimba wahisemwo gusenga Imana no kuyikurikira, itandukanye na BAYALI.=======================
Gucudika n’isi ni ukwanka Imana kandi uwigize umukunzi w’isi aba abaye umwansi w’Imana (YAK 4 : 4)
Irad Ndihokubwayo
Le 04/08/2016
Whatsapp : +265994341922,
Ntibitangaje na mba nivyo vyeze mubakristo ba Kino gihe. Iterambere bo n’amajambere bavyinjije no mungendo y’agakiza bo n’ukwizera kwabo.
Ariko jewe ndibaza nti : « Iyaba YESU Kristo yoje muri kino gihe ca none koko yokwitwaye nkuko twitwara? »
Kuko hamwe handitse ngo dutumbere Yesu wenyene ahandi naho ngo tugere ikirenge muca Kristo hakaba n’ahandi havuga ngo: »Yesu niwe nzira n’ukuri n’ubugingo ntaushika kwa Data atajanywe nawe. » (Yoh 14 :6).
None mbaze kandi : Abakristo b’ubu inzira bariko bacamwo ni Yesu koko? Canke amakanda bariko bacamwo ni aya YESU? Uwo bagenda bisunga ni Kristo Yesu koko?
Ndavuga nti : »OYA. » ntabwo abakristo bubu bari murutonde rwa Mpwemu Yera. Benshi barongoorwa na Kameremere k’umubiri :
•Mumaterefone na ordinateur zabo usangamwo Pornographie canke amafoto y’abambay ubusa (Kandi ugasanga ni abaririmvyi)
•Mwijoro arara kurorera Umupira bukeye akazindukira kuri film rangij akaja muri sports (ntamwanya aha ibikogwa vya Mpwemu na mba. Ntasoma Bibilia kandi ntanumviriza ubutumwa bwiza haba mumaradio canke TV. Ivyo biganiro bihaciy aca ahindura umurongo).
•Mumamemory yabo usangamwo imiziki y’isi gusa. Ntandirimbo zo guhimbaza Imana batunga.
•Bateramany n’abagenzi babo : baganira inkuru z’imikanda n’imiziki igezweho, abasani bari kuri page, … (Ntamwanya wo kuganira ivy’ijambo ry’Imana baronka).
.Abigeme bambara ubusa (amajipo magufi, ipantaro zibana, amashati n’imipira asiga ibikaraza vyabo hejuru (Ubabajije bishura ngo : »muhira ntibambuza kandi kurusengero baraturekurira).,
ARIKO NONE UKWO SI UGUKUNDA ISI KOKO?
Yesu apfuye kumusaraba yavuze ati birarangiye (kuko icari camuzanye kw’isi yari akirangije).
Nawe ejo buca upfa. Mbega nawe uzabwira Imana uti : »ndarangij » canke uzaba urangijwe?
Iterambere n’amajambere ni icambo satani yashize kwigera aterera mubakristo.
Nimba uri mubafashwe, ko ugihema uri n’amahigwe.
Igihe Uhoraho Imana abariye YAKOBO ati :”Duga ugerere I BETELI unyubakireyo igicaniro…” ntakindi kintu Yakobo yabanje gukora atari ukwitunganya we n’abo bari kumwe boose.
Mukwitunganya kwabo bakoze bino bikurikira :
Gukuraho ibigigwamana vy’abanyamahanga vyari muribo,
Kwihumanura,
Kwambara izindi mpuzu.(Itang 35:1-2).
Kandi n’igihe Yosuwa ahitishamwo ab’ibisirayeli iyo bari busenge hagati y’Imana Uhoraho na Bayali bakanka bayali bagahitamwo Uhoraho Imana ko ariwe bazama basenga kandi bakambaza(Yos 24:16-18), Yosuwa yababariye ati :”…none rero ni mukure imana z’’abanyamahanga hagati yanyu muhindurire imitima yanyu k’Uhoraho Imana y’ab’isirayeli….kuko nimwahindukirira imana z’abanyamahanga Uhoraho azabahindukirira nawe abagirire nabi abarandure naho yari yarabagiriye neza kare”(Yosuwa 24:20,23), (Yer 18:9-10).
Ncuti mukundwa ntuhendwe n’ivy’isi bishira. Imana yo izi imitima irakuraba ikakwihweza neza naho abantu bo ubahenda ukihishahisha.
Uyu musi uriho. Ejo hashobora kutaba ahawe.
Ni vyiza ko wamenye Kristo Yesu. ariko, hunga BABULONI kuko atagakiza kariyo.
Ivyo wahora ukunda ukiri umunyavyaha nimba arivyo ugikunda n’ubu uvuga ko wakiriy agakiza : Ntaho wavuye ntaho wagiye ahubwo Satani yarakuboshe goose.
Ivyakubera inyungu kare ubu nibikubere ubuhombe.
Ugukurikira YESU Kristo ni UKWIHEBA, UKWIYANKA n’UKWIKORERA UMUSARABA.
Vyiyumvireko, mukundwa. Ushobora kuzimuruka ukabaho.
Yesu agukomeze caane wewe uhisemwo ingendo yo guheba ivyo vyose bituma ubonekako umugayo n’agasembwa imbere ya So wo mw’ijuru.
(Sangiza abandi buno butumwa par share/partager. Kumbure ntihobura uwo bwofasha wundi akarokoka. Yesu azabiguhembera, mukundwa).