Igitinyiro c’Imana mu Bantu 

Imana ishimwe cane bakundwa muri Yesu mudukurikirana!
Ndabaramukije mw’izina rya Yesu Kristo umwami n’umukiza wacu!
Amazina yanje ni Umwungere Uwisezerano Libéré nkaba nagira tuyage kw’ijambo rifise urufatiro ruvuga ngo: KUGARUKANA IGITINYIRO C’IMANA MU BANTU BAYO!
Dusome mugitabu ca Daniyeli 6:26-27.

 » 26.Nshizeho itegeko ngo abantu bose bo mubatware bwose bwo mugihugu canje bubahe lmana ya Daniyeli ,bahindire agashitsi imbere yayo kuko ariyo Mana nzima lhoraho ibihe vyose. Ubwami bwayo ntibuzorimburwa kandi n’ubutegetsi bwayo n’ubw’ibihe vyose.

27. Niyo irokora igakiza ,ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw’ijuru no mw’isi kandi niyo yakijije Daniyeli inzara z’intare.Amen!
Dusome kandi lmigani 1:7

 » Kwubaha Uhoraho niryo tanguriro ry’ubwenge ariko igipfu gihinyura ubwenge no guhanwa,Halleluya!

Imana ishimwe cane ! Tugiye kumara indwi yose tuvugana kuri runo rufatiro. Imana ni lmana y’urukundo n’imbabazi nyinshi cane.lmana y’urutonde ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw’isi no mw’ijuru.lrakiza lkarokora. Abayizeye barayubaha nayo mugihe gikwiye ikabashira hejuru. Ikabaha ubwenge no kuroranirwa muvyobakora vyose.
Imana niyo yazigmye umusavyi wayo Dniyeli kuko yayishimishije mukwanka gusenga ibigirwamana vy’abanyamahanga maze kubera ico izibira akanwa k’intare kuko nayo ari lntare yo mumuryango wa Yuda.

Dawidi yagize ihishurirwa ko kwubaha Uhoraho ariho umuntu aronkera ubwenge ,ariko bisigura ko uwutubaha lmana ari ikijuju kuko akora ibizira ,ivy’ubujuju avyita vyiza.

Nubwo biruko abantu b’iki gihe wokwibaza ko bubaha lmana ,bayitinya canke bayikinisha gusa. Akenshi baranayicokoza mugukora ibizira ,amahano y’ubuyobe bubishe bakavyita ubuhizi ukamengo bihereye aho nkuko wogira ntibazohanwa.
Buragoye gutahura ukuntu nk’igihugu cacu kuva cikukira cagumye kirangwamwo indyane z’amoko ,imigambwe n’intara kandi igitigiri nyamwinshi c’abarundi ari abakirisu. Nico gituma lmana kuva na kera yama yihesha icubahiro mugukingira abo yaba yaratoranije mugihe iba ishaka kurandura inkozi z’ibibi mw’isi. Imana yacu niyo kwubahwa n’lmana ipfuha.
Dusome Kuvayo 20:5.

« Ntuze ubipfukamire canke ngo ubisenge ; kuko jewe Uhoraho lmana yawe ndi lmana ipfuha mpanira abana ibigabitanyo vya ba se kugeza k’urunganwe rugira gatatu n’urwa kane rw’banyanka bose. Imana idufashe cane!

Mugihe abantu bataye lmana ,bagasenga izindi mana ,mugihe abana b’abantu bihaye gukora ibibi lmana yamye ibahana kugira ngo n’andi mahanga amenye ko ariyo Mana yonyene ikwiriye gusengwa gusa.lbi vyaraba mbere igateza ivyago amahanga yaba arwanya ihanga ryayo canke ababa bagize ihang ryayo inyagano.

Mwenedata unkurikirana,tugira twihweze ibihano canke ivyago vyashitse kuri Egiputa mugihe ca Farao. 
Uko vyagiye bikurikirana:
1) Icago cambere tugisanga mugitabu co Kuvayo 7:14-25.
Turabona uko Mose na Aroni bahinduye amazi yose yo muri Egiputa amaraso,mbere n’ayari mumibindi no mumakarabo. Ifi zo muruzi Nili zirapfa umunuko ukwira igihugu cose ,abanyegiputa babura amazi yo kunwa.

2) lki cago kiri mu Kuvayo 8:1-15. Mose yujuje ibikere Egiputa yose ndetse no kukirimba kwa Farao no kuburiri bwiwe kubw’ubushobizi bw’lmana. Farao we yaguma akomantaza umutima mugihe Mose na Aroni nabo baguma bumvira lmana.
3) Iki cago tugisoma mu Kuvayo 8:16-19. Cabaye icago c’lnda,zitera Egiputa nzima zurira abantu bose. Bakamenyi ba farao n’abapfumu baragerageje bibata kuwamazi niko kubwira Umwami ko ari urutoke rw’lmana rurikubikora. Soma kuvayo 8:19.

4) kino cago tugisoma mu Kuvayo 8:20-28. Iki cago cari kigizwe n’ibibugu ,vyuzura igihugu cose n’ibwami hose. Ariko igitangaje ibi vyago vyose ntivyakora kub’lsirayeli aho bari bashagaje i Gosheni. Halleluya!

Ihanga ry’lmana ryama ririnzwe bantu b’lmana.

5) Iki cago cagatanu tugisoma mu Kuvayo 9:1-7. Cari kigizwe no gupfa kw’ibitungango vyose vyo muri Egiputa n’indogoba n’ingamiya n’ibitwazi. Ariko na nubu i Gosheni nticakoze kubitungano vy’Abisirayeli!
Ncuti mugenzi,mukundwa muri Yesu unkurikirana ,lmana yo yaremye vyose iratinyitse. Nimba abantu banse kuyubaha ,igiye kwihesha icubahiro no ku Burundi kandi ufise amaso yerekwe bike ku Burundi ibindi avyibonera n’amaso yaba uwuri i Burundi canke hanze. 

Ejo tuzorabora hamwe ibindi vyago 5 bisigaye muri 10. Uhezagirwe rero wige kwubaha no gutinya Uhoraho,Yesu aguhezagire ,amen!