Ijambo ryo kwibukanya no Kuremeshanya.

Shalom,Umugisha utagabanije,utangwa n’Imana rugira vyose,amahoro atazwi n’abisi,intsinzi iva ku musaraba,ubuntu bw’Imana butangaje,ni bibane namwe natwe twese Ihanga ryera ry’Imana!Halleluia,1Pet:2:11;<Abo nkunda,ndabinginga,ko mur’inyambukira n’ingenzi,mwirind’ivyipfuzo vy’umubiri bigwanya ubugingo.amen.Ngenzi nkanje,ndabipfurije kwama mugavye kuko ivyavugishijwe bigenda birashika nk’uko vyahishuwe,turasabwa ukwiyubara n’ukwirinda ivyipfuzo vy’umubiri,mbere tugeze mu gihe co kwiyeza,uguhuza umutima n’inama tumere nk’umuntu umwe,ndumva uguhinda kw’umuzo w’amasezerano,twitegurire cane urwo rubanza,narirya imbere ruzoba rurongowe n’inkota yo kurimbura!biratey’ubwoba cane,bidusaba gukanguka duhinda agashitsi,umwe wese ashire mungiro ivyo asabwa cane cane turongorwe na mpwemu yera n’ijwi ryo mu mutima.Twirinde kuba sindabibazwa,kugira ngo uburake bw’Uhoraho ntibuduhitane.Imana iguhe umugisha wewe wemera guheb’amagara n’ivyawe kubw’iki gikorwa,mumenyeko kuba umuhizi ari ugushobora ibinanir’abandi!ndabakunda cane,ndipfuzako tuzohurira i yerusalemu vuba dutabarutse!murakoze mubandanye kwikorereranira imitwaro,kandi mudusengere.Abari mu bihe bigoye namwe mwihangane cane kandi mureme siko bizohora.Ni hahangame Imana Uburundi Abisezerano.