Imana yo yokwizigirwa itabare abacu, ivyacu n’abarundi

IMANA YO YOKWIZIGIRWA ITABARE IGIHUGU CACUBakunzi namwe ncuti z’umusaraba, dusangire icayi muvyo Impwemu mugusoma muri Yona3:10,Ngo maze Imana ibona ibikogwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi, nuko Imana irigarura ngo ntibateze ivyago yari yabagereye,ntiyabibateza ,amen

Dusome hepfo igice ca 4 Yona nyene, 1-3,Ngo ariko ivyo bishavuza Yona cane, ati mbega,Uhoraho si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Nico catumye mpungira i Tarushishi ,kuko namenye kuri Imana y,inyabuntu,yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.None rero Uhoraho, ndakwinginze, pfuma unyica kuko gupfa kundutiye kubaho, amen

Imana idufashe cane,mbega umbonera arigiki catumye Yona yisabira gupfa? Ishari, inzigo kuko turavye neza nubwo yari yatumwe, wewe ntiyashaka ko ubwoko bw,I Ninewe bwotabarwa, yashaka bapfe rubi, we yavuga ati ntivyobabako ngo ndorere, yooo, Imana idufashe kandi itugirire neza, imburi zibaho ncuti zanje, kuko Imana idukunda niyo yaturemye ntiyonezegwa nuko dupfa rubi, none ndabaza mbega wewe watumwe nka Yona, koko urashaka ko uwo watumweko atabarwa, canke uvuga uti ntaco wobona, ntube nka Yona yababajwe nuko ikibonobono Imana yari yamejeje cuma, ahubwo babazwa nubwoko yo yiremeye, ugire umutima wo gukora ico watumwe ukinezererwe niho uzobironkera impera, amen

Imana ntikora nkuko umwana w,umuntu abigomba oya, ikora nk,Imana yaremye ijuru nisi kuko igihe yashiraho vyose ntawe yagishije inama nkuko iyigiye gukora atawe igisha inama bagenzi, dusabe Imana iduhe gutahura nubwenge, kuko ndabona hari utugwi twinshi twahagurutse kugira abakristo batakare, ubwoba nikigwanisho gikomeye satani akoresha, hagarara, umenye uwo wakurikiye uwariwe, sumugabo ahengama, oya, ntumwite so canke nyoko, mwenewanyu canke muyomba, ni Imana itamenyegwa, ntukayimenyere numusi numwe, amen

None ko yari yamutumye kubaburira nabo bakumva bagasaba imbabazi, wumva batari gutarwa gute ga yemwe, ewe Yona, ba Yona mwe, turi kumavi, dutaka dutakamba kandi ntawayiteze amaboko ngwiyakubiteko pe. Imana idutabare, nabacu nivyacu, nigihugu cacu, amen!

Ira West.