Shalom shalom! Woba uruhijwe n’imibabaro urimwo kubw’intwaro ya farao ku Burundi? Imana yo yaremye isi n’ijuru irafise inyishu. Uko yihesheje icubahiro muri Egiputa igira iciheshe n’l Burundi. Menya amasezerano lmana yahaye abarundi ,reka kwidodomba ahubwo haguruka ube Yosuwa na Kalebu ingabo z’ihanga ry’lmana. Ningombwa lmana ikunkumurire Farao n’ingabo ziwe mukiyaga kuko bakora ibizira. Haguruka ntusubire gutukana kuma réseaux sociaux ahubwo umenye ko uwo Farao ari lmana yamuremye kugira ngo ashitse ivyo uburake bwayo kuko umutima wiwe usanzwe ari mubi wamigoreye ikibi; ivyo ni biba niho izomurandura hama ihe uruvyaro rwanyu kuba mu mahoro y’umusesekara atari uruhendo.
Niba ukigira muvy’ubwoko,imigambwe n’intara,urapfuye n’utihana urajanye na farao kuko inkota y’lmana ntigiye kugusiga. Nawe nimba ugikorera farao urapfuye nimba utihanye uno musi.Abagiye kuba mu Burundi busha ni abejejwe n’amaraso ya Yesu nkuko Mose yategetse ko buri mw’isirayeli abaga umwagazi w’intama maze amaraso akayasiga kugishimaryango ,niko bigiye kugenda umumarayika ahonya agiye kuza. Uburundi si imva kuva bwikukira ariko ni igihugu c’amata n’ubuki kandi si ivyo tubona ,oya ni ibigiye gushika!
Dusangwe lmana,Uburundi n’Abisezerano!