Shalom! Mukundwa ndakuramukije mw’Izina rya Yesu Kristo Umwami wacu.Ubwa mbere nagomba ndagushimire ingene wakunze kandi ugakurikirana ibikorwa vy’Ihanga ry’Imana, ABISEZERANO.
Ubugira kabiri nagomba kukumenyesha yuko ibiganiro vyose vyaciye kuri Radio Isezerano FM na Radio Isezerano Internationale ushobora kuvyumviriza ukobikirikirana kumurongo: http://www.abisezerano.com/iradiyo/
Nturinda kubi (telechargea) tuza twarabigukoreye kugira ngo tuzigame ama (mégas)yawe, hamwe woba ukoresha telefone ngendanwa yawe.
Ubugira gatatutu twagomba kubamenyesha yuko ibikorwa vy’imyiteguro yo kubohoza amasezerano Uhoraho Imana yasezeraniye ihanga ry’anarundi bigeze kure kandi bigenda neza. Abarundi b’ubwoko bwose, n’imihingo yose yo kwisi eka no mugihugu hagati baratahuye umugabi w’Imana. Kubwivyo nagomba ndagusabe aho muherereye uremeshe abarundi abaruhishijwe n’ubwicanyi, kubura ababo, amacakubiri, inzara, ukubura akazi, urwanko, umutekano muke, uruhungo, ubukene, akarenganyo n’ayandi mabi n’amahano ari mugihugu cacu c’Uburundi yuko ugutabarwa kugiye kuboneka kandi yuko intsinzi iri mukuboko kw’Isumba Vyose igiye kubashikako mwese abizeye Uhoraho.
Hoba hari utubazo twinshi ufise, soma kumuhora w’Ihanga ry’Imana, http://www.abisezerano.com canke utwandike kuri abisezerano@gmail.com
No kuri WhatsApp
+25775289622
Canke
+255 688 174 510
Murakoze.
Uhoraho Imana yo mwijuru Se w’Umwami wacu Yesu Kristo ibahezagire n’imiryango yanyu yose, ibongere ukwizera, ukwihangana n’inkomezi zo kubohoza amasezerano.
Ni hahangame Imana, Uburundi n’Abisezerano bose!
N.B.Tanga ubu butumwa mubagenzi no mumirwi kugira ngo ntihagire uzovunga ngo ntiyamenyeshejwe ibimenyetso vy’ibihe.