_*Indwi ya 19 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)*_*IGISOMWA CA MBERE*
_Hariho ikindi gisomwa bashobora gusoma mu kibanza c’iki ; ico gisomwa kindi ugisanga hanyuma y’iki gisomwa._
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (16, 1-15.60.63)*
Ng’iri ijambo Umukama yambwiye: «Mwana w’umuntu, menyesha Yeruzalemu amashano akorerwa muri yo, uvuge uti: Ng’iri iryo Umukama Imana abariye Yeruzalemu. Ku bw’amamuko yawe no ku bw’amavukiro yawe, uri umwe wo mu gihugu ca Kanahani; so wawe yari Umwemori, nyoko wawe yari Umuhetikazi. Umusi wavuka, ntibagabiye uruzogi rwawe, ntibakwuhagiye mu mazi ngo utungane; ntibagutsirise n’umunyu kandi ntibagushize mu twahi. Nta wagutayeko n’iryahumye ngo akubungabunge kubera imbabazi agufitiye. Ariko bagushiburiye mu gahinga kubera ishishi wabateye, umusi wavuka.
Jeho nciye hafi yawe, narabonye ingene ukumbagara mu bisanza vy’amaraso, ndaheza ndakubwira aho wari mu maraso yawe nti: «Urakaramba, kandi ugwire nk’ivyatsi vyo mw’itongo!» Uraheza urakura, urakomera, urashika mu bigero; amabere yawe arahagarara n’umushatsi wawe urakura; ariko wari gusa ugenda amenya.
Ni ho naca hafi yawe, nkakwitegereza, nkabona yuko ushitse mu gihe uteye igomwe; ndaheza rero ndagutererako umutamana wanje, ndambika ubwabure bwawe. Mbere, narakurahiye, nsezerana nawe, -ryari ijambo ry Umukama Imana,-nawe uca uba uwanje. Ni ho nakwibiza mu mazi, nkuhagira amaraso yawe nkongera nkagusiga amavuta; ndaheza ndakwambika impuzu zisayangana, ibirato vyizavyiza, umukanda wera derere n’umutamana w’iharire. Ni ko kugushariza n’utubuyenge, nkakwambika imiringa ku maboko n’ubudede mw’izosi. Ni ho nakwambika impeta ku zuru no ku matwi n’urugori rwiza pe ku mutwe. Uko ni ko wari washarijwe n’utubuyenge tw’inzahabu n’utw’ifeza, ukikwiza ivyambarwa nyavyo, ivy’amaharire n’ibisayangana; ifu y’ingano, ubuki n’amavuta vyari imfungurwa yawe ya misi yose. Wari intore bihebuje, uraroranirwa gushika ube umwamikazi. Ucika rurangiranwa mu makungu kubera ubwiza bwawe bw’agahebuza bwava ku bisayangana nari nakwambitse: ibi n’ivyo Umukama Imana avuze.
Ariko rero, warishimiye ubwo bwiza bwawe, ukoresha ka kazina kawe rurangiranwa mu gucika igishurushuru, ukabirwa n’uwuhita wese, ukaba nk’uwiwe.
Jeho yamara, nzokwibuka isezerano nasezeranye nawe mu gihe wari ukiri muto kandi nzosezerana nawe isezerano ryamaho. Ni ho rero uzokwiyibukana ubumaramare kandi ntukureko umunwa kubera isoni uzoba ufise ninaheza kukurekurira ivyo wakoze vyose: uko ni ko Umukama Imana avumereye.»
*IKINDI GISOMWA CA MBERE*
_Iki gisomwa bashobora kugisoma mu kibanza ca Ez.16, 1-15.60.63_
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli(16, 59-63)*
Ng’iri iriyazwe n’Umukama: «Yeruzalemu we, nzokugira ivyo nawe wagize, wewe wakengereye indahiro ukica isezerano. Jeho yamara nzokwibuka isezerano nasezeranye nawe mu gihe wari ukiri muto kandi nzosezerana nawe insezerano ryamaho. Nawe uzoca wibuka ya mashano wamye ukora kandi uzomaramara, ninafata bene nyoko, bakuru bawe na barumuna bawe, nkabaguha ngo bakubere abakobwa, n’aho ata sezerano nyene dufitaniye ibintegeka. Nka ko na none, uwuzosubizaho rya sezerano nari nasezeranye nawe ni jewe, maze uzomenye ko ari jewe ndi Umukama. Ni ho rero uzokwiyibukana ubumaramare kandi ntukureko umunwa kubera isoni uzoba ufise ninaheza kukurekurira ivyo wakoze vyose :—uko ni ko Umukama Imana avumereye.»
*IZABURI : Izaya 12, 2-3, 4b-5a. 5b-6*
*Icit.*:Ishavu ryawe ryacureshe,
urampo.
Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje nizeye,
nta co ngitinya:
kuko Umukama ari we bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Kurire ubwatsi Umukama, ninahaze izina ryiwe,
nimukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe!
Ibutse intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa,
curarangire Umukama.
Nka ko, yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu
Umweranda w’israyeli!
_*INKURU NZIZA*_
*Aleluya, aleluya.*
_Nyigisha, Mukama, inzira yawe; _
_undǒngōre mu kuri kwawe._
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (19, 3-12)*
Muri irya misi, Abafarizayo baregereye Yezu bagira ngo bamutege umutego, bati: «Mbega, bagize ico bapfa, umugabo yoshobora kwirukana umugore wiwe?» Arabishura ati: «Ntimwasomye ko ubwa mbere uwaremye abantu yaremye umugabo n’umugore kandi akavuga ati: Kubera ico, umugabo azoheba se na nyina yibanire n’umugore wiwe, abo babiri babe umubiri umwe, ntibabe bakiri babiri rero, bakaba umubiri umwe? None rero ico Imana yafatanije, ntihagire umuntu agitandukanya.»
Baramubwira bati: «None, ni kuki Musa yari yaciye iteka ry’ukwandikira umugore ikimwirukanye hanyuma bakavavanura?» Arababwira ati: «Ubugaba bwanyu ni bwo bwatumye Musa kubarekura ngo mwirukane abagore banyu; ubwa mbere si ko vyari bimeze. Mugabo ndababariye: uwirukanye umugore wiwe, ndetse iyo yahurahuye, agaheza akarongora uwundi, aba asambanye, kandi uwabiriye umugore yirukanywe aba asambanye.»
Abigishwa biwe baramubwira bati: «Usangwa ari ivyo umugabo azokwama agirira umugore wiwe, vyoba vyiza rero umuntu atabiranye.» Arababwira ati: «Iryo jambo ntiryumva bose,abahawe iteka ry’ukuryumva ni bo baryumva. Hari abavuka baramugaye, ntibashobora kwabirana; hari abamugazwa n’abantu, na bo ntibashobore kurongora; hari abandi na bo bavyigize ku kubera Ubwami bw’ijuru. Uwushobora kwumva, niyumve.»