*BARAKUBESHE*————————–
Reka ndakubwire aya amajambo nayawe ari mu Banyefeso 5:6 n’Abikolosayi 2:4,8.Bene Data ubwenge(philosophie) bw’abantu buratandukanye cane n’Ijambo ry’Imana.
1.Barakubeshe ngo hariho indwara zidakira (muri Yesu zose zirakira:Zaburi 103:1-3,Yesaya 53:5,1Petero 2:24,Zaburi 107:20).
2.Barakubeshe ngo uri umunyamukoshi.Ahubwo uri uwahezagiwe(Itanguriro 12:1-4,Efeso 1:3).
3.Ngo uri umukene! Yesu yahindutse umworo kubwacu ng’ubworo bwiwe budutungishe (2Kor 8:9).
4.Ngo uri UMUNYAVYAHA.Sivyo kuko uri ukugororoka kw’Imana (2Kor 5:21,1Kor 1:30).Ndi ukugororoka kw’Imana…..
5.Ngo uri IKIJUJU! Sivyo uri UBWENGE bw’Imana.
6.Ngo uva mu muryango wo hasi.Sivyo uri umutwe nturi umurizo (Gusubira 28:13).
Ngo ntugira UWUKUVUGIRA sivyo dufise AVOCAT ni Yesu(Efeso 2:19).
Nurwanye ibinyoma vya Satani ku bugingo bwawe. Ivyo bakwatuyeko vyose sivyo vyose harimwo ibitavuye mw’Ijambo ry’Imana.