INDEMESHANYO 

Yesu ashimwe amahoro abane namwe?? Bene data nimuze tubwire abandi ivya Yesu hakibona tureke kugira amasoni ngo abagenzi baragutwenga cane cane ab jeune dufis amasoni yo kuvuga twakijijwe canke kugendana Bibiliya mu ntoke ivyo sivyiza kuko Yesu yavuze ngo: »uwutazonshingira intahe imbere ya bantu nanje sinzo mushingira intahe imbere ya Data n’abamarayika »ntumere nkuyu mukobga. Habayeho umukobga yarafise nyina ariko uwo mukobga ntiyaranezererewe nyina kuko nyina yarafise mu maso atari heza kuko yari yarahiye isura yose ivya bigatuma umukobga agira amasoni yokubwira abandi nyina uwariwe umunsi umwe bagenzi biwe bamusaba kubereka nyina maze aravyirengagize maze umunsi umwe nyina abasanga aho bari na bagenzi biwe maze aramuhamagara aranka kumwitaba kuko yanka ko bamenya uwariwe maze baramubaza bati uwo ninde?nawe ati sinzi ngira n’umusazi aramwihakana ararengwa maze nyina agira intuntu mu mutima arababara cane maze umunsi umwe nyina ahamagara wa mukobga aramubaza ati niki gituma ugira isoni zo ku nyita mama wawe?ntiyagira ico yishura muga nyina yarazi impamvu nyina aramubwira ati hari ico utazi ngira ndakubwire impamvu meze gutya umunsi umwe narinsohotse inzu ngiye hanze gato ngusize uryamye inzu ifatwa n’umuriro abazimya baraza ariko umuriro warimwinshi cane ntibashobora kuwizimya wose maze nshitse ntangazwa nibibaye ndababwira kuriyo nagusize uryamye ko ari ngombga ko uvayo kugira ntushe ngupfe maze bambwira ko harengeranye maze ndanka nitera munzu ngusanga aho waruryamye mu nzu kwi bakwe ryiza ndagukurayo uri muzima niwo munsi nabaye gutya umbona maze wa mukobga avyumvise ararira cane asaba imbabazi guhera uyo munsi aca agira igishika cinshi co kwereka buri muntu wese nyina. Nimba Yesu yaremeye gupfa kubwawe kuki utabwira abandi ivyiza Yesu yakoze muri wewe?nibura ereka Yesu ko ivyo yakoze ubiha agaciro mukurungikira ubu butumwa abagenzi bawe barenga 12 nkuko urya mukobga yabikoze mukwihana kanatsinda Yesu yatubwiye ngo »nimugende mu hindure amahanga yose abigishwa……(Matayo 28:19) Imana iguhe umugisha🙏🏻