INKEBUZOBakunzi namwe bagenzi b’Umuhari w’abisezerano turabaramukije amahoro tuti: SHALOM!
Turashimiye cane twivuye inyuma abantu batari bake bari mu mpande zine z’isi bama na ntaryo batanga intererano z’uburyo bwose kugira ngo umugambi wo kugira ngo igihugu cacu c’Uburundi kive mumarira no mumaganya casutswemo naba mpemayuzuye aribo ba mpemukendamuke.
Turashimiye bimwe vy’umwihariko abarundi isinzi bari mugihugu eka nabari mumakambi yimpunzi barengera ubukene ninzara barimwo bakitanga mbere bagatangana umunezero utwo bafise. Imana Rugiravyose yakire amashimwe n’amashikanwa yanyu maze umunsi urizina izobahoze amarira.
Twagomba rero kubibutsa mwese yuko muvyo mutanga mworaba neza abasuma n’abambuzi (escrots) ntibabace muryahumye ngo intererano yanyu ije mumifuko yabapfukamye munda ihanga ry’Imana. Hariho muri izo mburakimazi abiyitirira ABISEZERANO kandi ataribo kugira ngo batukishe umuryango w’Imana.
1. Iyo utanze intererano yawe, mumasaha atarenze 12 uba waronse reçue iriko inomero, uyakiriye, ikimenyetso n’ibendera vy’abisezerano.
2. Ushobora kubaza yuko intererano yawe yashitse kandi yuko yakoze ico yagenewe, kumubitsi mukuru eka mbere no kumunyamabanga mukuru no ku nomero na e-mail zikurikira:
a. +257.75289622
b. +255. 688174510
c. abisezerano@gmail.com
Kubera yuko Abisezerano ni umuhari w’abarundi bose ukorera mukuri no mumuco ukongera ugakingira vyose na bose, ntihagire uzobahenda!
Bakundwa, abadusavye kubarungikira ibiganiro vya Radio Isezerano Internationale na Radio Isezerano FM, twagomba tubibutse yuko ivyo biganiro vyose twabibashinguriye kuri:
http://www.abisezerano.com/iradiyo/.
Nubu ukanze kuri uyo murongo (lien) ica uvyumviriza.
Mu kurangiza kurangiza reka tubandanye tubasaba kuguma mwikingira mugukorera mw’ibanga ririnini nkuko vyamye kuva na mbere hose kandi mukingira n’abagize inzego z’ihanga ry’Imana bose.
Ni musangwe Imana Ihoraho, Uburundi n’Abisezerano bose!
Murakoze!