Mwitondere inyigigisho za bibiliya zimwe zimwe zihondukiza ukuri.

Ncuti bakundwa muri KRISTO Yesu, mugerageze cane kwirinda kuko benshi bariko bikwegera akaga, benshi bariko bikwegera ivyago nogukugwa mugitabo cubugingo.Unomusi haradutse inyigisho zabadayimoni, izo nyigisho zaje korosha ibintu nugutanga umwidegemvyo na demokarasi muvyimpwemu no muvyo kwizera.

Unomusi iyo ubwiye abantu uko bakwiye gukizwa neza nugusenga mukuri bakubwira ngo nigihe cubuntu, aha rero wokwibaza niba Ubuntu bwaje ngo dukore ivyaha vyinshi?

Unomusi abantu benshi bafashe bibiriya vayicamwo ibice. Bakuramwo ibiborohereza bihwanye nivyipfuzo vyabo biba arivyo bizera gusa. Ariko ibibahana vyo basigaye bivugira ngo ivyo Yesu yaje kubikuraho ngo vyari ivya Mose.

Ariko nagomba MBATANGARIZE ko YESU ATAJE GUKURAHO IVYAGEZWE AHUBWO YAJE KUBISHITSA.

MATAYO 5 :17-20.

KANDI NGO NKUKO ITABABARIYE ABO KURI NOWA NIKO ITAZOBABARIRA ABIKIGIHE banka kumvira nokwihana.

Ayo ni AMATANGAZO YIHUTA CANE uwushatse wese ayakire kuko ataho ugiye kuyahungira.

Unomusi ubwira abantu ati ihane ihane mureke gusenga ibigigwamana, reka gufukamira ibibumbano muvyita Yesu wacu reka guca kubandi ngo bibashikire kuri Yesu kuko ariwe nzira yukuri nubugingo yonyene. Bakakwishura ngo mureke kutuvugira ivyacu. Ariko murindire Gato nkuko itababariye abo kuri NOWA niko namwe igiye kubagira AKABARORE itaravye ngo muri benshi kuko ntikangwa nubwinshi bwabatayubaha.

KUVAYO 20 :4-6

YOHANA 14 :1….

Unomusi ubwira abagore biyita abakirisu ati birabujijwe kwiyambika udupantalon ngo muje mubantu mubatirimutsa, bakwishura ngo Imana ntiraba inyambaro ngo zambagwa nabenshi. Mbega ninde yababeshe ngo ikwangwa nubwinshi? Mbega kuri NOWA yasigaje bangahe?

Unomusi ubuza a biyita abakirisu gusuka no kudefriza bakakubwira ngo Imana iraba mumutima gusa. Mbega ivyo none ko vyanditse muri bibiriya wewe ukaba ubisuzugura mbega ntugiye kongegwa ko ivyago nogukugwa muri cagitabo cubugingo?

Imana ikunda abumvira bakarizwa nivyaha vyabo gusa. Nayabandi bose bagiye kugigwa AKABARORE.

Hari utu jambo dupfuye abantu biraririza ngo HARICO IMANA YAVUGANYE NANJE. Mbega nigiki? Imana yakubwiye gusuzugura ivyanditse? Ego nivyo hariho abafise amasezerano ariko yaheze kera ubu bahetse INGOVYI NAYUMWANA YAGIYE KERA. Bishwe na taratubwiye mbega tababwiye ngo mureke kuyumvira? Muragowe mwebwe mwiziba amatwi mushira imitima kunyigisho zibinyoma zabadayimoni.

1TIMOTEYO 4:1.

Bababwira ngo n’imigisha namahoro gusa ariko noneho mugiye kwibonerako kuko Imana ntibesha. Ijuru murondera niryabaciye bugufi bumvira kuko kirazira kwishushanya nabisi.

Unomusi abiyita abakozi b’Imana basigaye benshi ari abatekamutwe gusa. Bazana inyigisho zibinyoma kugira bironkere ubutunzi ni vyubahiro gusa. Bariko baroga abantu kugira babakunde babashikanire kandi nabo bakabikora. Ariko noneho murindire gato IRAJE yiheshe icubahiro. Hazosigara nkabamwe bo kuri Nowa bumvira gusa.

Unomusi abo nyene biyita abakozi b’Imana Bazana inyigisho zirimwo AGASUKARI NUBUKI kugira bakundwe. I vyukuri Bakuramwo bakabicurika ibindi bakabita ariko iraje yiheshe ICUBAHIRO.

Rero wewe mukristo, garukira Imana yukuri, reka kuraba igitigiri kinini cabakora ivyaha ahubwo raba ico gitigiri cabubaha Imana abe arico ukwirikira. Reka kwirema agatima kuko iraje kwihesha Icubahiro. Mbega uzoyihungira he?

Gezaho gezaho kuko agakiza ntigahura nakamere yivyipfuzo. Ibohe Ibohe kuko gukizwa nukwiboha ugahinduka bakatwita umusazi. Nubikoruko ugiye kubona IBITAGAZA BIDASANZWE KUBUZIMA BWAWE.

Namwe mwiyitirira ko mukorera Imana muhuvya abantu. Namwe mugabe kuko iraje kwihesha icubahiro.

Muntu ukurako kuri bibiriya umenyeko ukuwe mumugabane wacagitabo. Muntu wongereko ugiye kongegwa ko ivyago.

Murakoze cane.