Shalom,twigishijwe kubijanye n’abantu binyegeza mu vy’Imana ariko bari mu buryarya,aho twabonye ingene imiryango ibiri igizwe na Naniya na safira,hamwe n’umuryango wa bene sikewa,aho bagize ingorane zikomeye cane,bamwe barapfa,abandi barakubitwa barakomereka,gushika naho birutse batazambaye zabavuyeko,ivyo vyatumye abantu bo mur’ico gihe bubaha Imana n’abakozi bayo!n’uvyisomere naw muri:ivyak:5:1-11,hamwe na ivyak 19:11-20,iki gihe lero,Uhoraho Imana ariko agarukana igitinyiro ciwe mw’Ihanga ryiwe,aho ibimenyetso biherekejwe n’ibitangaza n’utwumiza,biriko birigaragaza,mbere indyarya zigiye kubura ikibanza n’umugabane mw’ihanga ryayo!ni hahangame Imana Uburundi n’Abisezerano,amen.