NIKUKI WEWE URIHO ? igice ca 1: Ndabaramukije mwese Amahoro y’Imana abe mu mitima yanyu . Kaze muri kino cigisho kivuga ngo kuki wewe uriho? Tuzorabira hamwe ababaye abahizi muri Bibiliya ,uko babayeho ,ivyo baciyemwo n’ingene barangije ubuzima bwabo. ➡ MOSE (MUSA) Yavutse mugihe hasohotse itegeko yuko umwana w’Umuhungu wese avutse kwategetezwa kwicwa kugira ab’isilayeli ntibagume bagwira . Akomoka mu muryango wa Lewi ,n’umwuzukuruza w’Aburahamu . Amaze kuvuka baramunyegeje ,bitagikunda bamutwaye kumuta mu ruzi ari mu kantu kajishe .Kuvayo 1:15-20 Yatowe numukobwa wa Farao ,akurira kukirimba ariko umutima wiwe wari mub’iwabo (Abaheburayo) Kudya neza , kudyama heza nibindi vyiza vyinshi Mose yarabifise ariko yibutse ko Ab’iwabo bariko barakubitwa ,bicwa ,vyatumye asiga vyose kugira aje kwifatanya nabo. Kuvayo 2:11-22 , Dufatiy kuri Mose turiho kugira tubohoze ababoshwe n’ivyaha ,kubaho neza harabagowe Imana izobikubaza . Har’ivyo Uheba kugira ukize benshi :*Icubahiro ,ubumenyi ivyo ubanza kubishira hasi ukabihinduramwo guca bugufi no gukora ic’Imana yakugeze . Mose yarazi ko yishe umunyegiputa azoba agize ikintu ciza kugira abamare ntibazosubire. Kuvayo 2:11 Yasanze atariyo nzira ishika ,inzira ishika yariyo kuja kubwira Farao ko akwiriye kurekura ab’isilayeli baje gushikanira Imana ibimazi vyayo . 🗣