Umuntu umwe ivyo yihweje bibera mu Burundi.

Mu Burundi abanyakibi nibo baguwe neza, ariko abagororotsi baniha umusi kumusi mbere hari n’igihe babwirirwa canke bakaburara ariko munzu y’umunyakibi indya bakazimena muri musi. Iyo hageze kuja gusangira kumeza y’Umwami abanyakibi batonda imbere kandi bahabwa ivyicaro vyiza vyiza mumanza no mumasengero bakanahabwa imyanya ngo bavuge Ivyo Imana yashize mumitima yabo. Mbega mumva y’uwapfuye wokurayo iki? Ariko hari igihe bizosobanuka vyose umwe wese agahagarara mukibanza ciwe abatwaye ibibanza bit ari ivya bo bakabivanwamwo maze umwe wese akambara numero imukwiye.
JohnG