Hari uwagize ico avuga kurutonde rwatanzwe ngo kubagirizwa ihonyabwoko ryo 1972 Mu Burundi 

Mwaramutse. Nagomba gukebura bamwe bamwe ku makuru baduha. Twokwirinda gutanga amakuru tutatohoje. Haraho usanga amakuru amwe amwe avuye kwa Nyamitwe, kugira atujuragize. Nkuru rutonde bazanye bavugako rugizwe n’abateguye genocide y’abahutu mu 1972. Vyoshoboka gute ko ruba rwo mu gihe muri urwo rutonde harimwo amazina y’abari abakuru ico gihe bava mu bwoko bw’abahutu nka commandant Ndayahoze. Martin yari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, bamutwaye ijoro nyene ryo kuwa 29 ndamukiza, Ndayiziga yari umushikiranganji w’ibikorwa vya reta nawe nyene yarishwe…none ubona vyogenda gute kugira bo nyene bategure genocide ihera kuribo nyene. Abarushizeko borukurako. Twokwirinda gukora mu nkovu ababuze ababo. Nka muka.Ndayahoze aracariho adomye ibintu nkivyo, eka nabandi benshi bazi ubutwari bwiwe, yerekanye mu guharanira ubumwe bw’abarundi vyobabaza.