Shalom Shalom!Muri kino gitondo nagira ngo dukeburane barundi barundikazi namwe mwiteze isezerano ku gihugu c’Uburundi.
Icambere nokebura abadukurikirana ; nuko mwohindukira mukizera lmana mùtagabanije kuko ariyo yasezeranye kandi ariyo izoshitsa.
Murashobora kwibaza ;mbega ni kuki yaba CnddFdd ,Fnl yitwa yari imirwi irwana yagaragara mukarere ikomeye itashoboye gufata igihugu?
=> lnyishu nuko lmana kuva kera yasezeranye mbere ikanavuga uko bizogenda bikurikirana kimwe ku kindi mu gihugu cacu kandi bene guhabwa isezerano ntihari bwagere ko barihabwa.
Ahandi abarundi bihendera ,isezerano hari abaryiyitiriye (Tuvuge bakarigira iry’umugambwe kanaka ukamenga abandi bazoca bakurwa mu gihugu. Imana yavuze ko isezerano ari iry’ihanga ry’abarundi. Ntiyavuze ko ariry’umurwi w’abantu bamwe,ubwoko bumwe canke intara.
Ikirenzeko,nariko ndasenga igihe kimwe mbaza lmana ico nokora. Kuko nanje nari mubantu bapfa ivyo banditse ku ma réseaux sociaux mbere na farao nkamwandikako. Inyishu lmana yampaye yarantangaje kandi naciye numvira ahubwo bintera intege zo kurindira isezerano,gukora no gusenga cane kugira inyereke vyinshi.
Yagize ati « Mwana ntugasubire kwiganyira kuko abantu bose arije ndabarema. Farao nije namuremye kandi namuremye ngo abe kurya ari hama mbone gushitsa isezerano ryanyu. Ntusubire kumwidogera kumuvuga nabi canke kumuhanura kuko ivyiwe ntibihinduka! »
None rero bagenzi b’lsezerano namwe barundi mwese hagarika ivyo wahora wandika utyoza ,uvuga nabi,utukana. Ntaco ugindura kuvyo lmana yagenye, ahubwo haguruke tubohoze isezerano mumasengesho,mubikorwa biraba isezerano no mugusiguza Uhoraho.
Imana imaze gutwara Mose/Musa kuruhuka yahagurukije Yosuwa nk’umugabisha w’ingabo z’ihanga ry’lmana. Wumva witeguye guhagarara nk’ingabo nsha inyuma ya Mose? Ibikorwa vy’imigambwe n’amoko n’amahanga n’ibindi vyararangiye!
Uwubitahura abitahure,uwutabitahuye abaze atahuzwe. Koko lmana ntibesha!
Dusangwe Imana,Uburundi n’Amasezerano!