UWO MUNTU NIKINTU NITORANIRIJE . Uko woba urikose ,n’uko usa kose, Waremwe mw’ishusho y’Imana . Sauli akivuka incuti ziwe n’umuryango wose baranezerewe ,impundu zaravuze . Yarakuze ar’iga ab’ukomeye (yarafise Diplome ikomeye) Sauli yarumu nyedini ry’abayuda .Yaragwanira idini ryiwe ,ntiyashaka uvuga izina rya Yesu Kristo ,urivuze wese yaca yicwa ,abandi bagafatwa bagafungwa Ivyak 9:13-14 ,igihe yariko aja idamasiko yahuye na Yesu ara muhindura ab’umvise ko yahindutse ntibavyemeye , abandi bagumanye amakenga . Naniya amaze gutinya kuja kumusengera Imana yamubwiye ngo <<Pfa kugenda kuko uwo muntu ar’ikintu nitoranirije ,ngw’ajane izina ryanje imbere y’abamyamahanga Ivyak 9:15>> *Kugira ubeho Imana ntiyigez yihenda na gato ,uko uri kose ,yakuremye igufitiy umugambiiii . Waremwe ur’umuntu ariko kubw’ibikorwa bibi wahindutse IKINTU 🤔. Ibintu 2 Umuntu adashoboye :*Kurema Umuntu no ku mushiramwo impwemu , ivyo dushoboye :Kwica umuntu ,canke kumukingira . Imana nayo ishoboye vyoose ,kandi ibikorera aho ishakiye kuko niyo ifise ijambo ryanyuma muri vyose na hose . Imana irakeney ko ukoresha imkomezi yaguhaye kugira uyiheshe icubahiro ,irakeney ko uba icaremwe gisha mu vyiyumviro vyawe no mu mvugo zawe ,no muvyo ukora . Irashaka ko umunyavyaha yihana akareka ivyaha vyiwe yakora ,agakora ibitunganye ,yipfuza ko twese dukizwa. *Agakiza n’idini biratandukanye ,uy munsi bishoboka ukab’ufise imibereho nkiya Sauli atarihana?Hinduka kuko ur’ikintu Imana yitoranirije . Zaburi 50:18-19<<Iy’ubomye umusuma wemeranya nawe ,kandi wifatanya n’abasambanyi ,Uhaye ikibi akanwa kawe ,ururimi rwawe rwigenera ubugunge 21:Ivyo urabikora, nanje ngahora ukiyumvira yuko mpwamye nawe rwose,Ariko nzobishira imbere y’amaso yawe uko vyose bigenda bikurikirana >> .Ubuhungiro ni mu Mana.