Inyigisho za Ekleziya

*Indwi ya 20 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Année paire)*
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (28, 1-10)*
Muri irya misi, Umukama yanshikirije ijambo ambwira ati: «Mwana w’umuntu, barira umutware w’i Tiri uti: “Uko ni ko Umukama Imana avumereye. Erega, umutima wawe warikuririje kandi wavuze uti: Jeho ndi Imana, ndavyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga. N’aho uri umuntu buntu utari Imana, mu mutima wawe urigereranya n’Imana nyene. Ni ko ga, urusha Daniyeli ubwenge, nta kinyegejwe uyoberwa. Ubwenge bwawe n’ubukerebutsi bwawe ni vyo vyakuzaniye amatungo, ukarunda inzahabu n’ifeza mu bigega vyawe. Ubuhinga bwawe mu vy’ukudandaza bwakugwirije itunga, no kubera iryo tunga umutima wawe uriko urikuririza.

Kukaba nka ko, – uko ni ko Umukama Imana avuze, – kuko wigereranije n’Imana mu mutima wawe, ngira mpamagare abaza kugutera, abanyamahanga batswe umutima gusumba abantu bose. Bazosokorora inkota zabo barwanye bwa buhinga bwawe bayaga hose, bazohumanya ubutore bwawe, bazogutembagariza mu cobo; nawe uzopfa urupfu nk’urw’abaguye mu kiyaga hagati. Mbega, uzosubira kuvuga imbere y’abakwica ngo: Jewe ndi Imana, se? Ushima uzoba uri umuntu buntu, ntuzoba uri Imana, mu gihe uzoba uguye mu minwe y’abagusogota. Uzopfa urupfu rw’abapagani batazi Imana, wishwe n’amaboko y’abanyamahanga. Nka ko nyene, ni jewe Umukama Mana nabivuze”.»
*IZABURI : Ukwibutsa Amategeko 32, 26-27b, 27c-28, 30, 35c-36b*
*Icit.: Imana ni yo iganza ubuzima n’urupfu.*
Umukama yavuze ati: «Nzobamenagura,

nzimanganye izina ryabo mu bantu,

iyo mba ntatinya ubitutsi vy’abandi,

n’uko ababanka bobiyoberwa.
Bohava bavuga bati: Ubuhizi bwacu ni bwo bwatsinze,

nta co Umukama yakoze muri ivyo vyose!

Erega, nta bwenge muri abo bantu,

ntibashobora gutegera.
Umuntu umwe yoshoboye ate kwirukana igihumbi,

canke babiri bokwirukanye bate ibihumbi cumi,

atari uko ca Gitandara cabaguze,

atari uko Umukama yabahevye?»
Umusi w’ugutikira kwabo uri hafi,

ibiri mu kubashikira birabahanamiye;

kuko Umukama azoburanira abantu biwe,

agaterwa imbabazi n’abasavyi biwe.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
*Umukama yavuze ati:«Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje,kandi ndazizi na zo zikankurikira.»*
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (19, 23-30)*
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati:«Ni ivy’ukuri ndababwiye ko umutunzi bizomugora kwinjira mu Bwami bw’ijuru. Ndabibasubiriyemwo kandi: ingamiya yotanga kwinjira mu zuru ry’urushinge umutunzi ashaka kwinjira mu Bwami bw’ijuru.» Abigishwa ngo bumve iryo jambo, birabatangaza cane, bavuga bati: «None uwuzokira azova hehe?» Yezu arabitegereza, ababwira ati: «Ku bantu ntibishoboka, ku Mana vyose birashoboka.»

Petero asubiraho aramubwira ati: «Raba, twebwe twebwe twahevye vyose ngo tugukurikire, tuzohakura iki?» Yezu aramubwira ati: «Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: ku musi w’ihinduka rya vyose, aho Umwana w’umuntu azoba yicaye ku ntebe y’ubuninahazwa bwiwe, mwebwe namwe mwankurikiye muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, ngo mucire imanza ya miryango cumi n’ibiri y’Israyeli. Kandi, umuntu wese azoheba inzu canke benewabo canke bashikibe canke se canke nyina canke umugore wiwe canke abana canke imirima kw’izina ryanje, azoronka ibisumba ijana ivyo yahevye kandi intoranwa yiwe ibe ubuzima budahera. Benshi rero bazova mu ba mbere babe abanyuma, abandi bave mu ba nyuma babe aba mbere.»