« UBURUNDI, UBURUNDI, UBURUNDI. UBURUNDI burasenyutse. Uburundi yoooo! I UBURUNDI bugiye kuba UMUTUKU »
AMAHORO n’imigisha bibe kubari mwisi bose ariko cane cane abafise inzara ninyota vyo kugororoka kuko aribo bazohazwa
Amahoro n’imigisha bibe kubarundi nabarundikazi bashasha aribo bagiye kwinjira UBURUNDI BUSHASHA igihugu c’Amata n’Ubuki kitazotwagwa n’Imigambwe n’Amoko.
Ubuhanuzi bwihuse cane.
Uburundi, UBURUNDI burasenyutse. Bugiye kuba umukara. Bugiye kwirabura. Bugiye guhinduka amaraso.
Ntanzu izosigara igeretse kuyindi. Imipaka yose igiye kugagwa. Hameze kugagwa imipaka imwimwe ariko yose igiye kugagwa.
Uwahunze YARAHUNZE. Hagiye kuzibigwa kuburyo atamuntu numwe azohunga.
Nabanyamahanga bazoba binjiye nabo bazogwayo.
Uburundi. Yemwe musenge cane. Mugiye kubona amaraso ateye ubwoba kuva isi ibaho.
Mbere bamwe bazotinya kugurura ama television kuko bazoba babona amaraso atigeze aseseka kwisi.
Uburundi nta buye rizosigara rigeretse kurindi.
Uwavuyeyo yaravuyeyo. Uwitaravayo imipaka yose igiye kugagwa.
Ivyo mwabonye vyari nkima ryimvura rimwe riguye muri TANGANYIKA ubu mugiye kubona ivyo mutari bwabone.
Abafise ubutunzi bwanyu mwese mububike mu Mana.
Uburundi weeeeee! Uburundi weeeeee! UBURUNDI weeeeee!
Musenge musenge. Inzira zose zogiye kugagwa. Choral. Imwe yavugwa yitwa IKOSORA igiye gutangura mumajwe yose.
Uburundi weeeeee! UBURUNDI weeeeee! UBURUNDI weeeeee!
Bugiye kuba umwijima.
Ubu butumwa buvuye kuri mwene data. Ariko bukaba biciye muri :
Ministeri y’Ivugabutumwa « UBURUNDI BUSHASHA » Ivyabona vya KRISTO I YERUSAREMU, i Yudaya, i Samariya no kugeza kumera Z’ISI.
Niyo kandi :
Ministere chretienne « UBURUNDI BUSHASHA » Les temoins du CHRIST a Jerusalem, a Jude, a Samaritin et au monde entier.