Hariho igihe umuntu yegamira igiti yibaza ko ari kibisi agasanga carabunzwe. Murico gihe ategerezwa guca ahenukana naco. Hariho nigihe nyene umuntu yegamira igiti kibisi ariko akiyibagiza ko ico gite gitegerezwa kuzuma, kukabungwa ndetse kigahenuka. Abo bantu bose kwari babiri batabibuna ni abakeha bwenge bose. Ehe mukeha bwenge wa gatatu, n’umuntu yibaza ko azama ahiriwe, abandi bame babaye. Isi, ibiyiriko, binzunguruka vyose. Ntavyama hahandi. Menya ko aho uri hari abandi, kandi nawe uzohasiga hagasigara abandi.
Hahiriwe uwizigiye Imana kuko yoyo ntihinduka kandi ntinyiganyizwa.
Baraka Zèbre