HARAHIRIWE ABITONDEYE IVYO UHORAHO YIHANIKIRIJE(Zab. 119:1-2,125-126, 129; Imigani 8:17; Yesaya 26:3-4; Gucura intimba 3:40; Amosi 3:2, 6; 5:3, 6, 9, 11; 9:10; Matayo 5:7; Mariko 13:32; Ivyakozwe n’intumwa 17:30)
Ndabaramukije amahoro y’Imana.
Nongeye kubandikira ndabakangurira ngo musome iyo mirongo nasize aho hejuru hama uce ubandanya usoma ivyo nanditse. Hari haciye iyindi misi ntandika bivanye nuko Mpwemu ataribwo anyobore ivyo ndabamenyesha. Nkavyose murabizi kiretse ko ari ukwibukanya kugira tumenye ahibihe bigeze.
Muntu ufise amaso yokubona namatwi yokwumva ariko ukabandanya ugamika izosi ntiwihane uragowe kuko igihe cawe kirashitse. Iki nicogihe mugiye gutandukanya umunyakibi numugororotsi, uwitondeye ivyo Imana yinahikirije kuko inkota yishitswa ryiv’IMANA yavuze irabashikiriye. Beshi mwagize ubwoba murihana ariko muguma muvyamoko nimigambwe. Uwugira ubwoba neza nuwumba ijambo ry’Imana hama akihana agatako akavavanura nivyo yagenderamwo.
Wihanye ivyaha wumva ubohotse. Ariko ukaba wumva utarabohoka umenye ko utihanye vyukuri ahubwo wihanye umurenzako canke uratambikije mugakiza novyowahoramwo. Umuhanuzi MIKA 7:7 niwe yavuze ati “ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’agakiza kanje: Imana yanje izonyumva”. Abantu beshi bacitse ivutu iyo bumvise ngo isezerano rirashitse. Wewe wumva udashaka ko isezerano rishika umenye ko uri kuruhandi rwa satani. Kuwuzi yuko yumviye imburi akihana neza ntagire ubwoba kuko uwomusi w’inkota yisezerano namarira kubatihanye ngo bavavanure nimigambwe nubwoko.
Nkuko twari twabamenyesheje mumisi iheze, ubu sigihe c’imburi kuko abafise amaso murabona ko tugeze mubihe bigoye. Uko Imana yabivuze, abo bagamitse izosi bakanka kwumva ngo bavavanure nakarengane bakoze canke bariko barakora, abo base kuvavanura nivyubwoko nimigambwe, abo bose base kwitondera ivy’Imana yihanangirije, ndabamenyeshako bakwegeye akaga uburundi nabarundi. Inkota yururutse, inzamba yavuze. Ibara rigira rigwe aho amaraso yasheshe ayandi agira ahumanure igihugu c’Uburundi (Guharura 35:33) kuko amaraso ariyo ahumanya igihugu. Rero harageze aho igihugu gihumanurwa ariko bitavuye munzira zamakungu nibiganiro nimigwi ya reta niya opposition ahubwo bivuye k’Uhoraho Imana yacu. Abegeranije amatungo yubusuma, yaba amazu n’amatongo murabitaye kandi murapfuye.
Bantu mutumva, turavuga mukatwita abanyepolitike ariko iyo mumenya politike turimwo y’ijuru ntimwari kwirirwa muradukekeranya. Bantu musenga, nimusiguze ivyotwandika kugira mumenye icomufata nicomureka. None ko mugira mupfe kandi twarababuriye haramaraso yanyu tuzobazwa? Igihugu kigira kije mugatete. Inzuki zinkota yisezerano zigira zirinjiye. Ivyahanuwe nabavugishwa nka BEBA, mugira mubibone namaso yanyu aho baruburakigongwe bazinjirira mumice yose yigihugu.
None tuvuge iki kugira mwumve? Ntaco tutavuze ahubwo turindire hama turabe uwabeshe nuwutabeshe. Abahanuye amahoro bagira babone ko atamahoro ariko ahubwo bahanuye ibijanye nirari ryabashebuja. Imana yaravuze ko ibiganiro vyamagabura nyama atacobizoshikako. None ntimuvyibonera? None murindiriye iki kugira muvavanure nivyo Imana yabujije? Amaraso yanyu ntayazotubazwa kuko igihugu kigira gisigare ari umusaka nkuko vyahanuwe kuva kera. Abezwa babandanye kwezwa, abandura babandanye kwandura. Sengera ubugingo bwanyu nabanyu. Mubandanye guhungira muri yesu kuko ivyo guhunga muhunga igihugu bigira bihagarare muzokinjishirizwe ahomuri.
Uwufise amaso yokubona asome ibihe. Ivyavugishijwe vyose mubibike ahadata eka nimpanuro zose muze murazibika kugira muzogire icomubwira abana banyu. Mwese musomye ububutumwa mukanabugendera, Yesu abahezagire.
Manirakiza Richard