AGAKIZA N’ISHENGERO igice ca 1: Muri kino cigisho tuzorabira hamwe itandukaniro riri hagati y’ishengero n’Agakiza. AGAKIZA rivuye mwijambo Gukira , umuntu akira ico arwaye .Utuma uko gukira nawe.yitwa Umukiza .Luka 2:11<<Uyu munsi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi niwe Kristo Umwana w’Imana >> Iyo umuntu agwaye niwe arondera umuvura ,kandi kumenya ko ugwaye biroroshe cane . Hariho ingwara y’itwa Icaha iyo iragoye kuri nyeneyo ko agwaye .Ifata mu buryo bwinshi haraho iza isosera abayigwaye (umusuma ashobora kwiba agashikana , ejo akongera akama abona ko kwiba biryoshe ) ,Hariho nicaha kiza gikometetsa umuntu vyihuta , nubundi budyo bwinshi cane ……. Umunsi umuntu amenye ko agwaye iyo ngwara y’icaha niko Gukira (Kubimenya nibwo buzima ) .Ikiba gisigaye n’ukurondera UMUKIZA wiyo ngwara uwariwe . Uwo nawe ni Yesu kristo niwe yaje kudukiza ivyaha, nta clinique ,canke hopital ikiza ivyaha atari Amaraso ya Yesu kristo . Luka 4:42b<<…kuko natwe twiyumviye kandi tumenye k’uyu ar’umukiza w’iyisi >> Ntahandi nahamwe ako gakiza kabonekera atari muriryozina. N’izina riryoshe ,kandi ry’umunezero . Kenshi abantu baritiranya ishengero basengeramwo n’agakiza ,hari nabo ubabajije ko bakijijwe bavuga Ego ariko batigeze bakizwa ,abandi bagahindagura amashengero ngo bagiye muyikijijwe , akabona ko ahinduye ishengero bikwiye ko akijijwe . Impamvu Imana yaturungikiye umukiza n’Urukundo rwayo yadukunze Yoh 3:16 . Mugice gikurikira tuzobona ishengero rikijijwe iryariryo n’uko ry’ubatse . Uhoraho abahezagire🙏