Agakiza n’ishengero

AGAKIZA N’ISHENGERO igice ca 2: Ndabaramukije mwese amahoro y’Imana ,abe muri mwebwe no.mu vyanyu vyose. Mugice ca 1 twabomye agakiza icarico n’uko kameze ,twasezeranye tuvuganye ko tuzobandanya inyigisho z’Urusengero rukijijwe urwarirwo. Abantu benshi baritiranya agakiza n’ishengero . Amashengero yose avuka aza afise amazina meza ,yanditswe muri Bible ,Yose aza afise intumbero yo kwigisha ijambo ry’Imana . Harayigisha Yesu mu kuri nayamuvuga mu budyadya ,hari nayandi akorwamwo urudandazwa(business) Imana idufashe cane. Kenshi abantu barakunda guhindagura urushengero bavuga ko bagiye gukizwa gose ,aho iyo bahora basengera ko hadakijijwe . URUSENGERO RUKIJIJWE N’URUHE? 1Abik 6:19<<Nti muzi yukw’imibiri yanyu ar’insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebwe ,uwo mufise avuye ku Mana?>> Urushengero rutegerezwa gukwizwa n’Umutima . Umutima wuzuye Imana ikiwuranga ni :URUKUNDO ,IMBABAZI , AMAHORO ,INGESO NZIZA ,KUBA UMWIZIGIRWA , UBURWANEZA ,UKWIRINDA . Uwo mutima nirwo rusengero rukijijwe . Amashengero dusengeramwo ni Ahaturera mu budyo bw’impwemu ,aho turorereye kugaruka kwa Yesu Kristo ,ayo niyo aturera mu gakiza. Ingorane hariho igihe ashiraho ivyagezwe birengey n’ivyo Imana yatanze kandi ivyo Vyagezwe akaba arivyo vyubahwa gusumvya Ivyagezwe n’Imana . ➡ Hariho nayandi yemeza ko ariyo yonyene azoja mwijuru ,ayo yose nayandi ameze uko tutazi ico akwiye gukora n’ukuvuga ubutumwa bwiza bwa kristo Matayo 28:19 <<Ni mugende muhindure amaha ga yose abigishwa, mu babatiza mw’izina rya Data wa twese , niry’Umwana n’irya Mpwemu Yera >> Iyo habayeho kwitiranya agakiza n’Urusengero umuntu aja gusengera murico gihe ibintu ntibigera bimera neza? NONE NI KUKI AMASHENGERO DUSENGERAMWO ARI MENSHI ARIKO IMITIMA YAKIRA AGAKIZA IKABA MIKE? Ni mugice gikurikira .Uhoraho abahezagire🙏🙏