Amasengesho

_*Indwi ya 20 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*

*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (37, 1-14)*

Umukama yamfashe ukuboko anjana mu kabande, ako kabande na ko kari kuzuye amagufa. Arangenduza hose iyo hava hakagera; ayo magufa yariho na yo yari isinzi nk’iryo, mugabo yose yari yarumye.

Araheza ambarira ati: «Mwana w’umuntu, ayo magufa azoteba abe mazima?» Nanje nti: «Mukama, urandusha kubimenya!»

Na We arasubizayo ati: «Barira ayo magufa uti: Magufa yumye, nimwumvirize iryo Umukama avumereye ati: Ngiye kubasubiza ubuzima, ndabaterateranye, mbahe imibiri n’ubwenge, maze muce mubaho kandi mwemere ko ari je Mukama.»

Aho mvugiye ivyo natumwe, naciye numva igihuhusi, hanyuma ya magufa atangura kwegerana. Ngo ndabe, mbona imitsi, inyama n’urukoba bimaze kworosa ya magufa; mugabo hari habuzemwo umutima w’ubwenge.

Umukama asubira kumbarira ati: «Hamagara imitima na yo uti: Ng’iri irivumerewe n’Umukama Imana: Ngw’ino, muve ku miyaga ine, mwa mitima, muhumekere kuri aba bapfu, bahinduke bazima!» Nanje nca mvuka nk’uko ambariye, imitima ibinjiramwo, barahagarara ari bazima, ari ingabo nyinshi cane.

Umukama aca ambarira ati: «Mwana w’umuntu, ayo magufa ni wa muryango wose w’Israyeli. Na kare bahora bavuga ngo: amagufa yacu yarumye; nidukure ikizigizigi, nta co tukirorereye! None nawe wobabarira uti: Umukama agiye gufurura imva zanyu, abakureyo, abasubize mu gihugu canyu c’Israyeli. Uti: agize ivyo, ni ho muzomenya ko ari We Mukama. Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima, nongere ndabasubize igihugu canyu, gutyo ni ho muzomenya ko ari Je Mukama : narabivuze kandi nzobirangura.» Ng’iryo iryo Umukama avumereye.

*IZABURI 106 (107) 2-3, 4ac-5, 6-7, 8-9*

*Icit.:Nidukengurukire Umukama, kuko urukundo rwiwe ari urw’imyaka yose.*

Nimubivuge, mwebwe Umukama yakijije,

mwebwe yacunguye mu kubakura mu minwe y’abansi,

mwebwe yakoranije mu kubakura mu bihugu vyose.

mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko.

Bahora bayerera mu gahinga ka nyaganande,

ntibigera baronka igisagara co kubamwo:

baricwa n’inzara n’inyota.

umutima wabo urabavamwo.

Mu vyago vyabo baratabaje Umukama,

na we ntiyatevye kubaruhura amarushwa barimwo,

yarabacishije mu nzira irashe,

kugira ngo bashikire igisagara co kugereramwo.

Nibakengurukire Umukama kubera ubwiza bwiwe,

no ku vyiza vy’agatanza yagiriye abana b’abantu:

kuko ari we ahaza uwushonje,

uwunyotewe na we akamumara inyota.

*INKURU NZIZA*

Aleluya, aleluya.
_Uwuzigama ijambo rya Kristu, muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba rusasagaye._

Aleluya.

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (22, 34-40)*

*Muri irya misi, Abafarizayo ngo bumve ko Abasadukayo bajongorotse, barakorana. Araheza umwe muri bo aramubaza ngo amugeze, ati: «Mwigisha, mu mabwirizwa irisumba ayandi ni irihe?» Yezu na we amwishura ati: «Urakunda Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose: ng’iryo ibwirizwa risumba ayandi yose rikongera rikaba irya mbere muri yo. N’irya kabiri rimeze nk’iryo, ngo: Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Ayo mabwirizwa uko ari abiri, ni yo shimikiro ry’ayandi yose, n’inyigisho z’abahanuzi ni yo zishimikiyeko.»*