1 Samweli 2:9″Azozigama ibirenge vy’abagororotsi biwe,
Arikw abanyavyaha bazohonera mu muzimagiza,
Kukw inkomezi z’umuntu atari zo zimuha kunesha. »
NI KUBWA MPWEMU YERA
Si kubw’ inkomezi zawe, si kubw’ ubushobozi bwawe, ariko ni kubwa Mpwemu Yera akorera muri wewe
Ubwo bushobozi nyene nibwo bugushoboza kudasa n’abandi, bukakugira umuntu adasanzwe, ugacika icitegererezo ciza n’icete gisomeka, bigatuma inyenyeri yawe ibonwa n’abami n’abanyabwenge bo mw’isi bidafatiye aho wavukiye canke amashure wize ariko kuko wuzuye ubushobozi bw’Imana kandi ijambo ryayo riguma muri wewe na we ukaguma muri ryo
Mu gusiganwa, impayamaguru si zo zisiga abandi, kandi mu ntambara, abanyenkomezi si bo batsinda, abanyabwenge si bo baronka indya, abakerebutse si bo baronka itunga, kandi n’abahanga si bo batona (Umusiguzi 9:11)
Arikw abiteze Uhoraho, abafise Mpwemu Yera ariko arakora muri bo bazokwama biyubura mu nkomezi nsha, badugisha amababa nk’inkukuma, bariruka ntibaruha, baragenda ntibadendebukirwa
Kuko intambuko zawe Imana yazaguriye inzira nico gituma uzosiganwa ugasiga abandi, uzokwama unesha mu ntambara, ibigega vyawe bizokwama vyuzuye indya, itunga ry’amafeza n’amazahabu n’ibindi vyose vy’agaciro birakurondera kandi uzokwama utoneshejwe mu nyonga z’Umwami Imana ibihe vyose
Amen