UBUTUMWA BWIHUTIRWA
Ncuti namwe Bakunzi b’ihanga ry’Imana, ndabaramukije amahoro y’Imana nti Shalom!
Nkuko indongozi z’umuhari wanyu w’abisezerano zabishikirije, Umwe wewe kugiti ciwe no kugiti c’umuryango wiwe agire ico akoze mubikorwa vy’Imana. Ibi bikorwa sivyo umuntu canke umurwi w’abantu. Ni icanyu mwese abafise ishaka ryo kubona imirimo yo kubohoza ihanga ry’Imana ripfukamwe munda na Farawo.
Ni icumuntu wese yipfuza kubona abana b’Uburundi badasubira kwicwa, kwanganzwa canke gupfungirwa ubusa.
Ni igikorwa c’umurundi wese yipfuza kubona abarundi bose bavuye mu bukene, mu nzara n’ubujora buzingamitse iki gihugu cacu. Nivyo uwariwe wese yipfuza kubona abana bigihugu cacu basubiye gutaha mungo zabo no mumiryango yabo atankomanzi.
Kandi mwibuke yuko ishikinwa ryawe ritaba rito canke ngo ribe rinini, umwe wese yitange kandi atange uko ashoboye atagahato ahubwo atangana umutima ukeye.
Dusavye rero umuntu wese muri mwebwe kugira ico ashikirije.
Murakoze!
Tuzokurikirana ku munsi kumunsi uko ico gikorwa kiriko kugenda.
Tubasabe murungikire incuti n’abagenzi ubu butumwa.
Dr Dusengumuremyi Merlin
Coordinateur Général du Mouvement.