III.ICO UHORAHO ABARIYE AMASHENGEROMaz’Uhoraho ambarir’ati:Andika
ivyo ngira nkubarire ku mashengero yo
mw’ihanga ryanje cane cane ayari mu Burundi
be n’abarongozi bayo uti:Nadabu na Abihu bari
abana b’umuherezi mukuru Aroni kandi nabo
ubwabo bari abaherezi bari bafise icubahiro
kinini mw’ihanga ryanje rya Isirayeli ya
mbere.Uhoraho ati:Rabe mwitegereze;mumenye
ntimuze mupfe mutamenya:Barancumuyeko
barahura umuriro ntabageze bawushira ku
gicaniro canje bituma ndabicira aho nyene
(Abalewi 10:1-3).Uhoraho ati:Narababwiye nti
igicaniro mfise ni kimwe gusa mw’ihanga.Kuko
nasezeranye isezerano ko nzozana amahoro
arama mu Burundi mbanje kuhacisha inkota be
n »intambara ivuye ku bugombe bwanje jewe
nyene ubwanje.Ariko abarongozi b’amashengero
murahagurutse muti tugomba turwane
n’Uhoraho kuko ivyo yageze atari vyo;muti nta
nkota ikwiye kuza mu Burundi.Uhoraho
ati:Amajambo yanje y’ubuvugishwa mwayateye
akagere mbere n’abayizeye murabaturubika ngo
bizeye ububeshi.Mbega aho muri ko ariho
natanguye kuvugira ivy’amasezerano yanje kuri
Isirayeli ya Kabiri kuva n’imbere y’umwaka
w’1972,namwe ubu mukaba muvyiyamiriza
mbega; hagati yanje Uhoraho na mwebwe
abarongozi b’amashengero n’abasenga
ibigabitanyo ngo barondera amahoro
,n’abavugishwa ibinyoma ngo nta nkota
iriho;hagati yanje namwe ni nde
ar’umunyabinyoma?Uhoraho ati:Mu buvugishwa
bwo kw’itariki 20.1.2015 narababwiye nti
kubw’amajambo yanje y’ubuvugishwa
ndabarungikira kuber’urukundo ndabakunda
hanyuma mukayakengera; nt’uwayakengereye
azokengererwa;uwayaturiye azoturirwa;uway
ateye amabuye azoterwa amabuye;n’uwayi
yobagije nawe bazomwiyobagiza
bamutiture.N’ubu ni ko mvuze ;abakora ivyo
nabo bizobabako.Naravuze kandi ku bigira
abamenyi b’ivya Bibiliya kandi ar’abicanyi bica
imitima y’intama zanje bakazihubisha ngo
ntizizere isezerano;nti muri Abafarisayo,muri
indyadya zuzuye ubugunge;nti mbere imitima
yanyu n’ubwenge bwanyu bumeze nk’imva
zuzuye amagufa.Nubu niko ndabavuzeko jewe
Uhoraho.
Uhoraho ati:Mbega aho muri haruta i
Yerusalemu nahevye nkahata mu maboko
y’Abakaludayo nkaharirikisha inkota, urusengero
rugahomvagurwa n’ivy’Ahera hanje vyose
nkabisiribangisha uburake bwanje?.Ko
muzindura abantu mu gaturuturu mukabata mu
binyoma ngo ni basengere igihugu
c’Uburundi,mbega mwiteze umwimbu ungana
gute?Ndabibabwiye;ni jewe Uhoraho ;ico
gicaniro muriko sindakizi na gato.Kuk’ukw’ar
ik’Uhoraho avuze ati:Igicaniro mfise mw’ihanga
ryanje ni kimwe gusa kandi abagikorerako bose
ndabazi jewe Uhoraho;ni bo bama barantaka
banyibutsa isezerano nasezeranye ku Burundi
kandi ngiye kubishura vuba ndabaruhure
amarira.Abo nibo bari ku gicaniro c’ukuri kandi
nibo tujana nta bandi tujana jewe Uhoraho.
Uhoraho avuga ati:Abagabitanya muravuga muti
Uhoraho ntiyica, ariko mugiye kubona ko
nica;mbere mugiye kubona impfu z’abakunzi
banyu mwahoza ku mutima barimwo indongozi
zanyu z’amashengero ,n’abaja ku bicaniro
vyavumwe kandi vyahumanijwe ngo bari gusaba
amahoro;kuko aho nyene muborogera niho ngiye
kubatsinda(2Abami 25:9-10,13-20).Mbere
bamwe muri mwebwe muzopfa mubanje
kwumva no kubona impfu z’abuzure
banyu;kugira mupfane intuntu kuko
mwangararije.Uhoraho ati: Muravuga kandi muti
Uhoraho yamana imbabazi;ariko mugiye kubona
ndabahana ubutacigarura(2Abami 24:3-4).
Uhoraho ati:Ko bavuga ngo Imana yamana
imbabazi,mbega baruta umusavyi wanje Mose
yancumuyeko hanyuma ankanyingingana
umwete mwinshi kugira ngo ndamugirire ubuntu
ndamwinjize mu gihugu c’isezerano ariko
nkabimwankira?(Gusubira mu Vyagezwe
3:23-26,34:4).Ko bemeye kurya ingero
y’ubugarariji nka Balamu,bagahaguruka bavuga
bati Isirayeli ya Kabiri ntikabeho,mbega bibaza
ko ntazobibahanira?(Guharura 31:8,2Petero
2:15-19).
Maz’Uhoraho yongera kumpa ijambo ryo muri
Bibiliya Yera yari yampaye mu mburi yo
kw’itariki 23.5.2015 rivuga riti:<<Naho Mose na
Samweli bohagarara imbere yanje ,umutima
wanje ntiwohangaza ubu bwoko:Bahinde,bave
mu nyonga zanje bagende.Maze ni bakubaza
bati tuje hehe?ubabarire ,ut’uku ni k’Uhoraho
agize,at’abagerewe gupfa,baje mu
rupfu;abagerewe inkota baje ku
nkota;abagerewe kigoyi baje muri
kigoyi;abagerewe gufatwa mpiri bafatwe
mpiri.Kandi ndabagereye ivyago bine,nik’Uhorah
o agize:inkota yo kwica,n’imbga zo
gutabagura,n’ibisiga vyo mu kirere n’ibikoko vyo
kw’isi vyo gutsontsomera no gutikiza(Yeremiya
15:1-3)>>.
Maz’Uhoraho avuga ati:Abumvise iyi mburi
mwese ni muyamamaze mubwire amashengero
yose cane cane ayari mu Burundi,n’abantu bose
muti Uhoraho ararahiye uguhoraho kwiwe ati ko
mwemeye guhigura nawe;nawe agira ahigure
namwe kand’ivyo vyago vyose avuze bigiye
gushika ata kibuza!
-Uhoraho ati:Mubarire amashengero ari i
BUJUMBURA muti uragowe kuko ah’uri hazocika
umuyonga kand’ikizohasigara kizosa n’akazu
abarinzi b’inyoni bihishamwo izuba;kuko
icubahiro cawe gikuweho.
-Uhoraho ati mubarire ishengero rya NGAGARA
muti kubera wakunze icubahiro
n’ugukundwakara ku bantu atari k’Uhoraho;nico
gituma uvugishwa ibinyoma ng’ukw’imvura
yakuvye si ko izorwa.Kuk’ukw’arik’Uhoraho
avuz’ati imvura Uhoraho yageze izorwa mbere
ntizorwa ar’iyisanzwe ahubwo izorwa ar’isegenya
irimw’urubura,igihuhusi,umwiza;ah’atan’uzobas
ha gusegenya ngw’av’ahari kandi;abatsinzwe
n’urubanza bose uwo musi bazo hanwa.
-Uhoraho ati:Mubarire ishengero rya MUGARA
muti ko wateye amabuye abagutumweko
ukabeshuza izina Ryera ry’Imana;ijambo
Uhoraho yakuvuzeko ni rirya nyene, »Ingoro
izohebwa kandi umurwa bahora bayebanganako
uzocika umusaka ».
-Uhoraho ati:Mubarire ishengero rya NYANZA
mut’Uhoraho avuz’ati ivyaha wagira imbere
yanje ni vyinshi.Ko udahinduka ukagumira ku
kugamira kwawe;ukuhirako ukanka amajambo
y’ubuvugishwa; nzokwambika ingogo kandi
impfuvyi zizosigwa nawe zizobana igihe kitari gito
ibikomere vy’iyo ngogo no mu gihe c’amahoro
nageze ku Burundi;mu nyuma mbone
kuzuhagiza umunezero kandi ntizizoba zicibuka
uwari se mbere nta n’agaciro zizomuha.
-Uhoraho ati mubwire ishengero rya MUYANGE
(Nyanza) muti:Uhoraho yagushize ku munzane
kugira arabe ugushikama kwawe
kuvy’amasezerano none raba urananiwe
uratemvye.Satani yahagurutse avugira mu
rusengero ngo n’ute amasezerano;ngo
utabagure amajambo y’ubuvugishwa;ngo
n’amashikanwa wateguriye Uhoraho ngo
n’uyasibanganye.Raba uraguye mu kaga kuko
ukwumvira ibinyoma bivuye ku vyipfuzo
vy’abantu ukaryaruka Uhoraho ata kindi bigiye
kukuzanira atar’ugucirwakw’iteka.
-Uhoraho ati mubwire ishengero rya KAYOGORO
mut’Uhoraho akubariye ati erega ibimazi si vyo
ngomba kand’ukumenya Uhoraho kuruta imisi
mikuru n’Amasabato be na za Yubile be
n’Insago!Nico gituma Uhoraho Imana
y’ubugororotsi avuz’ati abatambira ibigabitanyo
mwese ni muje mu masengero yanyu mugire
imisi mikuru mu bihe vyayo ariko nzobatera
giturumbuka;niho muzomenya kw’ari jewe
Imana navugishije abavugishwa banje.
-Uhoraho ati mwamamaze inkuru mu
mashengero yose ari mu BURUNDI mu ntara
zose no ku bantu bose mut’Uhoraho avuz’ati:
iry’Uhoraho yavuze ntirihinduka;azozana
amahoro mu Burundi abanje gucishaho
inkota.Uwukeneye gukira ni yemere ivy’Uhoraho
avuze ahindure ingeso;ingendo n’ibikorwa
vyiwe.Uwutavyemera nawe n’abandanye
ivy’arimwo ariko iherezo ryiwe azoribona.Uhora
ho ati:N’abatari mu Burundi mubabwire
mut’Uhoraho yararahiye ko abagarariza
bazobona ibara;mbere bamwe bazoherayo,
abandi bazovanayo ubumaramare kuko ico
batipfuje ari co bagiye kubona;kand’abana babo
batazi gusobanura ikibi n’iciza nibo bazozanana
umunezero.
ICO UHORAHO AVUZE KW’ISHENGERO RYA
KIREMBA BE NO KU BARONGOZI BARYO
Maz’Uhoraho aravuga ati:Nitegereje ndi
mw’ijuru ndabona ivyakorewe mw’ishengero rya
KIREMBA(Bururi);ndabona ivy’abungere baho
bakoze;ingene batabaguriye amajambo yanje
y’ubuvugishwa imbere y’ishengero.Nanje
ndababariye nti:<<Ewe Kiremba urabonye
ibara.Maz’Uhoraho agiz’ati:Ko uncumuyeko
icaha nkico ku mugaragaro,ukagaragaza
ibigabitanyo vyawe izuba riva imbere y’intama
waragijwe n’Uhoraho;guhera ubu umuco wawe
urazimye!
Nico gituma jewe Uhoraho mvuze kuri Kiremba
nti:Ko ukoze ico caha;nanje uhereye ubu
ndibutse n’ibindi vyaha wakoze!Ndibutse
amaraso y’aberanda wavishije;ndibutse
abapfiriye ngaho ataco bazira.Nico gituma;ko
ugeretse icaha ku kindi jewe Uhoraho ndavuze
nti:Kiremba haravumwe hacitse
umusaka.Uhoraho avuga ati:Niyo namara
gushitsa isezerano ryanje abantu bazokwihweza
ahari Kiremba bahabure kuko ngiye
kuhasibanganya ntihabe hacibukwa ko higeze
kuvugirwa izina ry’Uhoraho.Kuk’
ukw’arik’Uhoraho avuze ati:Nkuko nahevye i
SHILO ahari ihema ry’ibonaniro, ni ko Kiremba
ndahahevye!
Maz’Uhoraho ati:Kand’ubwire umwungere wa
kabiri wa Kiremba uti ubaye umwungere agira
kabiri mu bungere bo mu Burundi afuswe mu
gitabo c’ubugingo mw’ijuru ku mugaragaro,kand
i izina uhawe ni Roma.Kubw’ivyo ko utabaguye
ijambo ry’Uhoraho, nawe uratabaguwe kandi
ntutabaguwe ibisanzwe;kuk’ugiye gupfa kandi
nta mahoro ya Isirayeli ya Kabiri uzobona
(1Samweli 2:25).
Uhoraho ati kand’ubwire umwungere wa mbere
w’i Kiremba ut’ubaye nk’umuherezi ELI wo muri
Isirayeli ya mbere kuko winumiye mugihe
Uhoraho Imana yari gutukwa n’uwo wewe ubwawe uganza(1Samweli 2:12,29c).Nico gituma
Uhoraho avuz’ati ko winumiye ukareka kubuza
uwo uganza gucokora Uhoraho,icubahiro cawe
kirakuweho kandi usigaye ur’ubwambure.Ka
nd’Uhoraho ati ntuzokwicwa n’inkota igiye kuza
ku Burundi ahubwo Uhoraho azokureka ubone
amahoro yo muri Isirayeli ya Kabiri,ariko
ntuzoyanezerererwa kuko uzokwamana intuntu
ivuye ku kuntu nzokugira igiteterwe imisi yose
y’ubuzima bwawe;nik’Uhoraho nyen’ingabo
avuze(1Samweli 2:32-36).