Umutumiro wo gutanga ishikanwa

Shalom,
Ba Nyakwubahwa ndongozi zacu muri rusangi baba abaserukira aba diyakoni n’abaserukir’abandi muri politique hamwe n’abakozi b’Imana,banyamasezerano mwese,shalom! Tugire Imana Uburundi n’Isezerano kuri twese!Nk’uko numvise ndongowe mu mutima kuyaga namwe nk’umwe mu barongoye abandi,ngomba tuyage bukebuke mw’ijwi ryiyoroheje ku bijanye n’ibikorwa bihambaye twiyemeje vyo kuboza igihugu!Ndashimiye ubwa mbere Imana yo yatanguje uyu mugambi kandi igiye no kuwusozera,n’ihabwe icubahiro ibihe bidashira.Ndashimiye kandi abama bitanga mu gusenga,mu bikorwa,na cane cane n’abemeye guheb’amagara yabo kubw’iki gikorwa nk’abari mu mabohero,mu buhungiro,n’urwaruka rwacu ruri mu misozi no mu mashamba biteguye cane gukora ibikor’inka, ibikorwa vy’iteka. Aha lero ngombako tuvugan’ukuri nk’abana b’Imana kubijanye n’igikorwa co guterera ibi bikorwa;Ijambo ry’Imana riravuga ku kwizera n’ibikorwa vyakwo,abanyamasezerano twese tuvuga neza,dusenga neza,ariko tugeze ku gafaranga duca tunuma twese!  Jewe nk’umwe mu basinzikajwe n’urugamba,nagira ntere akamo umuntu wese wo muri twebwe,mwibuke ko iki kivi ar’icacu twese kandi nimba twarizewe n’Imana,tukamenya ibi igomba ikore,tugomba guheba utwo tworiye tukitanga cane maze bikagaragara,maze Imana nayo igaheza igahezagir’ivyacu n’umurimo wayo.Abantu benshi bashima gusimbira mu maradiyo n’ibinyamakuru kuvuga amajambo no gutanga ibiganiro ukamengo ivyo nivyo bikorwa. Mwibukeko amajambo naho yoba menshi kandi meza gute,ntiyotema igiti nkuko atoterura ibuye haba namba! Uburundi twipfuza ntibushoboka hatabayeho ukwitanga gukomeye. Benewacu,n’ukuri turafise ibikorwa biriko birononekara kubera kubura amafaranga! Ubu twovuga duti:Umugabo wese muri twebwe arondere ama dolari abiri gusa,ibihumbi bitanu vy’amarundi,twokora ibintu bikomeye cane! Si vyiza ko bamwe bakora cane bakaruha abandi bakisamaza! Kurya urwaye canke ugwaje urondera muganga niko n’iki gikorwa ukwiye kucitangira n’umutima umwe! Mureke amakenga mugire ukwizera,igikorwa gitunganijwe mu buryo buzira amanyanga n’ubunyonyezi!Mushikame lero,mwongere mugorore ukuboko,mbere dukora dusenga mbaye uwuraho! Wewe udatahuye neza,wosanga indongozi canke ukabahamagara mukaganira vyinshi,nawe utantahuye urantunga aho koba kanciyemwo mugabo uzontahura ntagisivya. Murakoze,tugire Imana Uburundi n’Isezerano

Pasteur Rugamba Pierre.