Ugupfira Imana kwa Yohani Baptista

*29 Myandagaro : Ugupfira Imana kwa Yohani Batista*

*Uwo kwibuka*
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 17-19)*
Umukama yambwiye aya majambo ati: «Va hasi uje kubashikiriza ivyo jewe ubwanje nzogutegeka. Ntugire ubwoba imbere yabo, ahandi ho nzogutera ubwoba imbere yabo. Jewe nyene, imbere y’iki gihugu, uyu musi, ndagushinze nk’igisagara gikomeye, nk’inkingi y’icuma, nk’urugo rw’ifeza: abami ba Yuda, abategetsi, abaherezankuka n’igihugu cose bazokurwanya, ariko ntibazoshobora kugutsinda, kuko ndi kumwe nawe nkaba umuvunyi wawe.»

Iryo ni ijambo ry’Umukama.
*IZABURI 70 (71) 1-2, 3-4a, 5-6ab, 15ab-17*
*Icit.: Imisi yose nzomenyesha ubutungane bwawe n’urukiza rwawe.*
Mukama, ni wewe mpungirako,

sinzokwigera nteterwa;

unkize ku bw’ubutungane bwawe, undokore,

ntega ugutwi kandi unkize.
Umbere ikinja ritayegayega,

umbere n’uruzitiro rutamenwa;

wigiriye inama y’ukunkiza:

na none uri ikinja, inkinzo yanje.

Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.
Erega, Mukama, ni wewe nizigiye,

ni wewe nishimiye nkiri muto.

Nakwishimiye nkiri mu nda ya mama,

warantoye urantonesha ntaranavuka.
Mpoza mu kanwa ubutungane bwawe,

ku musi wose mvuga ko uzi gukiza.

Ewe Mana yanje, wanyigishije nkiri muto,

gushika n’ubu namye mvuga ivyiza wagize.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
*Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane:kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo!*
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (6, 17-29)*
Muri irya misi, Herodi yari yafashe Yohani amuta mu ngoyi, ku kosho ka Herodiya umugore wa mwenewabo Filipo, yari yabiriye. Ubwo rero ni uko Yohani yama abwira Herodi ati: «Ntibikunda ko wogumya umugore wa mwenewanyu.» Ni ho mbere Herodiya na we yamwamanira akazikira, ashaka n’ukumwicisha, ariko ntiyabishobora kuko Herodi yatinya Yohani, abona ko yari imvugakuri, akaba n’umweranda, mbere yama amukingira; yumvise ijambo ryiwe, yabura uko abigira, ariko ntikimubuze kumutega amatwi.

Umusi urashe uja washika, umwe w’aho Herodi yari aramutse aterekera abanyacubahiro biwe n’abashingantahe be n’abakuru bo mu Bugalile ku mibukiro y’ivuka ryiwe. Umwigeme rero w’umwe Herodiya arinjira aratamba, ashimisha Herodi n’abatumire. Umwami rero abarira nya mwigeme ati: «N’unsabe ico ushaka cose, ndakiguha.» Agirako aramurahira ati: «Ico unsaba cose ndakiguha, n’aho coba igihimba c’igihugu canje.» Arasohoka rero abwira nyina ati: «Mbega nsabe iki?» Na we yishura ati: «Umutwe wa Yohani Batista.» Aca yinjira ubwo, aho umwami yari ari, ati: «Nshaka ko umpa ubu nyene ku nkoko umutwe wa Yohani Batista.» Umwami bimutera umwikomo, ariko ntiyubahuka kumwankira, ku ndahiro ziwe no ku batumire bari bavyumvise. Atuma umurinzi bu buno nyene, ngo azane umutwe wa Yohani Batista. Uno na we aja gucira Yohani umutwe mw’ibohero, awuzana ku nkoko, awuhereza nya mwigeme, nya mwigeme na we awuhereza nyina. Abigishwa ba Yohani ngo bavyumve, baraza gutwara ikiziga ca Yohani baragihamba.