Indwi ya 22

*Indwi ya 22 yo mu mwaka ku wa kabiri (Années paires)*

*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (2, 10b-16)*
Ncuti zanje,

Mutima Mweranda ategera vyose n’ibinyegezwa vy’Imana nyene. Mu bantu ni nde yomenya ibiri mu muntu, atari umutima w’umuntu uri muri we? Ni ko k’uko, n’ibiri mu Mana nta wubimenya atari Mutima w’Imana. Tweho, ntitwaronse umutima w’iyi si, twaronse Mutima ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivyo Imana yatugabiye. Na vyo nyene mu kubibiganira, ntitubibiganira n’amajambo twigishijwe n’ubwenge bw’abantu, ariko tubibiganira n’amajambo twigishijwe na Mutima, tugasigura ivya Mutima n’amajambo ya Mutima nyene. Umuntu agarukira ku kamere yiwe y’umuntu ntiyakira ivya Mutima w’Imana; kuri we, ni ubujuju, kandi ntashobora kubimenya, kuko bisobanuka kubera Mutima. Umuntu abonesherezwa na Mutima we asobanura vyose, kandi na we nyene nta wumusobanurira. None, handitswe ngo: «Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy’Umukama ngo amwigishe?» Tweho, dufise ivyiyumviro vy’Umukama!
*IZABURI 144 (145) 8-9, 10-11, 12-13b, 13-14*
*Icit.: Umukama ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose.*
Umukama ni Nyenimpuhwe n’ikigongwe,

ntakaza ishavu, akomeza urukundo;

Umukama agirira ineza bose,

Agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze.

abakunzi bawe nibaguhezagire!

Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,

nibigane hose ubutwari bwawe!
Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze,

n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe:

ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava,

ingoma yawe izohangama imyaka n’imyaka.
Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,

ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose;

araramira abashaka kugwa bose,

akagorora abagoramye bose.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
Uwunkunda azozigama ijambo ryanje;

na Data azomukunda, duheze tuze iwe,

tumugire ingoro yacu.
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (4, 31-37)*
Muri irya misi, Yezu aramanuka i Kafaranawumi, igisagara c’i Bugalile, agirako arahigishiriza ku musi w’isabato. Abantu rero batangazwa butangare n’ivyo yigisha, kuko yagibisba nk’umuntu ari n’ubukuru.

Hagasangwa mw’isinagoga hari umuntu yiziziwe n’umutima w’ishetani ihumanye. Nya shetani irahogora cane iti: «Mbega dupfa iki, ga Yezu w’i Nazareti? Ubwo wazanywe n’ukutumara? Erega ndakuzi: uri Umweranda w’Imana. Yezu arayikankamira ati: «Numa kandi va muri uyo muntu!» Nya shetani ica imutura hasi hagati mu bantu, imuvamwo ata co imugize. Bose rero bahinda agashitsi, bituma mbere bavugana bati: «Ha! Ijambo riri aho! Arabwiriza n’ubukuru n’ububasha imitima ihumanye, igaca isohoka!»

Kandi inkuru yiwe ica ikwira muri nya ntara yose.