UBWAMI BW’IMANA BUJE GUKURA UBWA SATANI MUGIHUGU C’UBURUNDI(Matayo3:16-17; 6:9-10; 18:1-4; Abaroma 14:17)
Ndabaramukije amahoro y’Imana mwese ncuti z’umusaraba.
Uyumusi numvise Mpwemu anyobora kuvugana nawe ukurikirana ivyonandika. Ndabafitiye ijambo rikomeye rivuga kubwami bw’Imana. Beshi iyo tuvuze ivyamasezerano y’UBURUNDI BUSHASHA ntibabitahura bivanye nuko babitwara nubwenge bwabo abandi bakabifata mugwego rwa politike. Ariko icomwomenya nuko dusaba ngo uburundi bushasha buzobe buyoborwa nubwami bw’Imana.
Twifashishije imirongo iri muri bibliya, turabona ko muvyo twosengera ari kuba mugihugu kirongorwa nubwami bw’Imana. Bisigura ko dukeneye ko abarundi baba mugihugu gikoreramwo ububasha nubushobozi bw’Imana. Iyo dusaba ngo Imana ishitse amasezerano nuko tuba dushaka ko ubwami bw’Imana buza muburundi bugakura ubwami bwasatani bwarongoye igihugu guhera uburundi bucitwatwa uburundi gushika kuntwaro ihari ubu arinayo ivyasezeranywe bizoshika ihari.
Turetse ko beshi batahura nabi, abandi bafise ibindi bibahuma amaso, vyari vyiza ko dusenga dusaba ngo ubwami bw’Ijuru buze kandi ubugombe bw’Imana abe aribwo buba. Hari ibintu vyiza biranga igihugu kiyoborwa nubwami bw’Imana kandi uwariwe wese, kiretse abo shetani yafutse igitambara mumaso, agomba kubibona nokuvyungukiramwo. Twishimikije imirongo iraho hejuru, ibi bikurikira nibiranga igihugu gikoreramwo ubwami bw’Imana:
1) Ijuru riruguruka: iyo tuvuze ko ijuru ryugurutse nuko ivyo ukora vyose bigenda neza kuko uba wishimirwa n’Imana kandi iba irikumwe nawe. Dusomye Matayo 3:16-17 turabonako Yesu amaze kubatizwa ko ijuru ryugurutse kandi ijwi ryumvikana rivugako ahimbara Imana. Icompa Ubwami bw’Imana bukaza muburundi bugakura ubwasatani hama ijuru rikadukingurukira ivyiza Imana yavuze kuburundi tukabishikira.
2) Izina ry’Imana rirubahwa: Yesu gigishije abantu ko muvyo basenga ko bosenga basaba ko izina ry’Imana ry’Ubahwa. Kugira izina ry’Imana ryubahwe nuko ubwami bw’Imana buba buraho hantu bigatuma ububasha bw’Imana bubakoreramwo bukabatera kwubaha Imana nokuyishaka. Ahantu heshi muburundi bariko baratuka izina ry’Imana mumvugo nomubikorwa bigayitse bikorwa mugihugu. Ariko igihe Imana yoshitsa isezerano ubwami bwijuru bukururuka ndizera nezako izina ry’Imana rizubahwa.
3) Abantu barangwa n’ukugororoka, n’amahoro n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera: Twifashishije ABAROMA 14:17 tubona ko ahari ubwami bw’Imana harangwa ukugororoka, harangwa amahoro, harangwa n’umunezero. Nicogituma dusaba imisi yose ngo Ubwami bw’Imana buze, ivy’imana ishaka bibe arivyo biba, Imana ishitse ivyo yasezeranye kugira ubwami bwasatani buhunge buve mumitima yabarundi, turonke amahoro asesekara atakwicana duhorana ubwoko nimigambwe, tunezererwe igihugu catwibarutse. Ariko turavye muri rusangi, igihugu cuburundi kirangwa nibikorwa vyagishetani, nubwicanyi, nukwihirana, ntamahoro abarundi bifurizanya, ntamunezero urimubantu atari amarira namaganya biva kukubura ababo nivyabo.
Rero nashaka kubibutsako vuba ubwami bw’ijuru bugira buze gukura ubwami bwa shetani. Mubikunda mutabikunda, mubitahura mutabitahura, Imana yabivuze irabisohoje. Uburundi buzorangwa nubutware bwubwami butandukanye nubwami bwahaciye kuko ubwo bwami ntibuzorangwa namoko nimigambwe nukwihorahorana. Ariko nkuko mwabimenyeshejwe, ubwami mugukura ubundi hakora inkota. Ninacogituma inkota yishitswa ryamasezerano irindiriye abanse kwumbira imburi ngo bihane bavavanure nukwivanga nivyamoko nimigambwe. Abari mugihugu inkota izobahitana. Abari hanze yigihugu nabo Ibiza nivyo bizobahitana. Twese hamwe abarundi twese, dusabe Imana ishitse ivyo yasezeranye, twihane, tuvavanure nivyaha, nimigambwe nubwoko, mbese dusabe ubwami bw’Imana buze bukureho ubwami bwasatani. Amasezerano ashitse niho ijuru rizuguruka mugihugu abantu bakagororokera Imana, izina ry’Imana rizubahwa, igihugu kizogira amahoro kandi abantu bazonezerwa. Ivyo vyose nivyo vyiza tuzobona muburundi igihe ubwami bwijuru bwoza bugakura ubwasatani bwaboshe imitimi yabarundi.
Bakundwa, muri Kristo Yesu, Yari, Manirakiza Richard, abagezaho ico Mpwemu yamugeze kubashikiriza. Abakiriye irijambo, bakemera guhinduka bakavavanura nivyaha, bakavavanura nivyamoko nimigambwe, abo ndabasaye imigisha iva ku Mana.