Hari ijambo nifuje gusangira namwe ryanditse muri 1samweli 22:23 Nugume aho ndi ntutinye kuk’umpiga ariwe aguhiga ariko ni wagumana nanje ntaco uzoba
Uyu yari Abiyatari yabibwigwa na Dawidi igihe Sauli yariko arahiga Dawidi ngo amwice
Uyu murongo wanyigishije kugumana n’Imana mu bihe bigoye Imana ikaba ariyo Igwanira umuntu
Abisirayeli babariwe igihe ça Yehoshati ngo ntibatinye canke baranduke imitima bihagararire gusa barabe agakiza Uhoraho abakirisha
Dawidi yabwiye abiyatali ati guma aho ndi utekereze ico nkubwira Abe arico ukora ntaco uzoba ariko niyo utagumana nanje urashobora gupfa
Bakundwa twumvire ico Imana itubwira mu ntambara twumvire commandement y’Imana
Mu rugamba haba hariho umuntu aguma abaha commandement nico gituma iyo communication icitse abari ku rugamba ntibumvikane haca haba ibibazo
Natwe iyo turi mu ntambara dusabwa gukurikiza commandement y’Imana ikubwiye iti genda ukagenda
Ikubwiye iti ryama ukaryama ico ikubwiye akaba arico ukora intambara urayineshe ukirahira umukiza wawe
Tugume aho Imana iri ntaco tuzoba
Mbega Imana ibahe hehe?
Imana iba henshi cane kandi umuntu wese Irafise aho bihuri kandi akayibona n’abandi bakayibona
Uturorero tumwe n’abonye muri bibiliya
Eliya yayisanze mu gacerere
Daniyeli bahuriye mu rwobo rwiberamwo intambwe
Meshaki na shaduraka na Abedunego bayisanze mu muriro
Hari abayisanga mw’ijambo ryayo
Hari abayisanga mu mashimwe
Abandi ku misozi
Abandi mu makoraniro y’abera
Abandi mu rusengero
Abandi mw’ishamba
Abandi mu myonga
Abandi mu masenga
Abandi mu mabohero
N’ahandi n’ahandi …….
Bene data Imana iba hose aho wokwita heza canke habi hose uyisangayo
Kimwe gusa wewe nanje tugume aho Imana iri ,twumvire commandement yayo ntaco tuzoba
Suzuma rero outils de communication zawe n’Imana ko zikora neza kugira commandement y’Imana igende neza gushika intambara irangiye
Imana yacu Iduhane umugisha bakundwa bo muri groupe mwese.