Ijambo ry’Imana

*IGISOMWA CA MBERE*
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo

yandikiye Abanyakorenti (6, 1-11)
Ncuti zanje,

Ni kuki muri mwebwe hagize uwufise ico apfa na

mugenziwe, yokwubahuka kwitwara ku batari beranda aho

yogiye ku beranda? Canke ntimuzi yuko aberanda ari bo

bazocira isi urubanza? None, niyaba ari mwebwe muzocira

isi urubanza, ntimwoshobora se guca imanza ntonto?

Ntimuzi yuko tuzocira abamarayika urubanza, nkanswe izo

manza z’aha kw’isi? None rero, nimwaramuka mufise

imanza z’aha kw’isi, abatari muri Ekleziya ni bo

mwokwitorera nk’abacamanza! Ivyo mvuze

birakabatetereza!

Mbega, muri mwebwe nta muntu w’ubwenge n’umwe

yohaba, ngo ashobore gucira urubanza benewabo? Ariko,

umuntu aburana na mwenewabo kandi bakaburanira imbere

y’abatemera! Mbere n’ubu, murahomba rwose mu kuburana

muri abavukana. Ni kuki mutopfuma mukunda kugirirwa

nabi? Ni kuki mutopfuma mwemera kugungwa? Ariko, ni

mwebwe nyene mugirira nabi abandi mubagunga, kandi ari

benewanyu!

Canke, ntimuzi yuko abatagira ubutungane batazoragwa

ubwami bw’Imana? Ntimuzimire rero! Nta bashirisoni, nta

basenga ibigereranyo, nta basambanyi, nta bahehesi, nta

bahunahuna , nta bisuma, nta bimanyi, nta mborerwa, nta

bahambazi, nta basahuzi bazoragwa Ubwami bw’Imana.

Kandi bamwe muri mwebwe ni ko mwari mumeze; ariko

mwaruhagiwe, mwaratagatifujwe kandi mwabaye intungane

kw’izina ry’Umukama Yezu Kristu no ku bwa Mutima

Mweranda.
*IZABURI*149, 1-2, 3-4, 5-6a.9b
Icit.: Umukama ni we mukunzi w’igihugu ciwe!
Nimuvyinire Umukama akavyino gashasha,

nimumuvyinire mu kagari k’abamwemera;

abana b’Israyeli nibigine Imana yabaremye,

nayo abana ba Siyoni bahimbarwe n’Umwami wabo.

Nimumushemeze mu muhamirizo,

mumukeze mu murisho w’ingoma no mu murya w’inanga.

Nka ko, Umukama arakunda abantu biwe,

aratonesha abifata rworo, akabarokora.

Abantu biwe nibigine iteka,

nibatambane urweze batārîke,

ishimagizwa ry’Imana ríbūzuye akanwa,

kugira ngo abakunzi bayo bose banezerwe.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Kuva ubu, nzobita abakunzi banje;

ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje.

Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko

yashikirijwe na Luka (6, 12-19)
Muri irya misi, Yezu yagiye gusenga ku musozi, araheza

arasenga Imana ijoro ryose. Bumaze guca, ahamagara

abigishwa biwe, araheza abatoramwo icumi na babiri, abita

abatumwa: Simoni yataziriye Petero, Andreya mwenewabo ,

Yakobo na Yohani, Filipo na Barutolomeyo, Matayo na

Toma, Yakobo mwene Alufayo, Simoni yitwa Munyabwira,

Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikariyoti yahavuye aba

umuhemu.

Amaze kumanukana na bo, Yezu agaharara kw’itaba

ry’umusozi. Hari ishengero ry’abigishwa biwe n’abantu

benshi bava mu Buyuda bwose, i Yeruzalemu, n’abo mu

micungararo ya Tiri na Sidoni. Bari baje kumwumviriza kandi

ngo abakize indwara zose. Kandi n’abari begeranijwe

n’imitima ihumanye barakira. Ishengero ryose ryarondera

kumukorako, kuko ububasha bwava kuri we bukabakiza

bose.