UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUWA 07/09/2016. Bene Data ncuti namwe bakunzi bacu mwese,shalom. Twagomba tubibutse ko ejo kuruyu wa gatatu tuzoba dufise amasengesho azomara amasaha cumi n’abiri,kuva isaha cumi na zibiri z’igitondo gushika isaha cumi na zibiri z’umugoroba(06h-18h). Ijambo ry’urufatiro,Raba ic’Imana ivuga kugira dusenyuze ibisika vya yeriko. (Yosuwa5:13-15) 1.tuzosenga dusaba ubugombe bw’Imana ngo bushike kw’ihanga ryayo, 2.Tuzosiguza Imana ivy’iki gihe turimwo kizazaniye abantu benshi. 3.Tuzosenga dusabira uburinzi n’uruzitiro Ku ndongozi zose z’ihanga ry’Imana aho ziri hose.4. Tuzosenga twiyeza ngo dutunganire Imana. 5.Tuzosengera abari mu mabohero, abagwaye,n’imiryango yos’iri mu ngorane. Tubipfurije umugisha w’Imana. Bigiriwe I Bujumbura Ku wa 06/09/2016,
Abisezerano. http://www.abisezerano.com