Ijambo ry’Imana

*Indwi ya 23 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années paires)*
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (7, 25-31)*
Ncuti zanje,

Ku vyerekeye abigeme, nta tegeko ry’Umukama mfise, yamara ivyo niyumvira ndabibabwira nk’umuntu akwiye kwemerwa kubera imbabazi Umukama yamugiriye. Ndiyumvira rero yuko bibereye umuntu ko yoguma uko ari kubera ivyago vy’ubu. Uri n’umugore? Nturondere kwahukana. Ntufise umugore? Nturondere umugore. Ariko, niwarongora, ntuzoba ucumuye; kandi umwigeme niyarongorwa, ntazoba acumuye; mugabo, ben’abo bazobona amagorwa mu buzima bwabo, nanje ni yo nshaka kubakingira.

Benewacu, ng’ibi ivyo mbabwira: igihe ni kigufi. Hasigaye rero ko abafise abagore bomera nk’abatabafise, ko abari mu marira bomera nk’abatari muri yo, ko abanezerewe bomera nk’abatanezerewe, ko abadandaza bomera nk’abantu ata co bafise, ko abakoresha ivy’isi bomera nk’abatigera babikoresha. Erega, ivyo kw’isi bihinda bishira.
*IZABURI 44 (45) 11-12a, 14-15a,15b-16, 17*
*Icit.:Nyumviriza, mwananje,itegereze kandi untege ugutwi!*
Nyumviriza, mwananje, itegereze kandi untege ugutwi,

ibagira igihugu c’amavukiro yawe n’inzu ya so,

umwami azoheza yipfuze ubutore bwawe.
Umwigeme w’umwami bamushikanye i bwami.

Yambaye ibizayangana bisharijwe n’inzahabu,

bamujana ikare.
Incoreke zamugenewe ziramukurikira;

bose binjiranye urweze n’akanyamuneza

mu ngoro i bwami.
Abana bawe bazosubira mu kirenge c’abasokuru,

uzobagira benintara n’ingoma.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
*Hahiriwe uwuzigama ijambo ry’Imana mu mutima mwiza w’umwete,agaheza akagira ico yimarira kuko ahozako.*
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 20-26)*
Muri irya misi, Yezu yerekeza amaso ku bigishwa biwe, avuga ati:«Murahiriwe mwebwe aboro,

kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu.Murahiriwe mwebwe mushonje ubu,kuko muzohaga.

Murahiriwe mwebwe murira ubu,

kuko muzoronka akanyamuneza.Muzoba muhiriwe, umusi abantu bazobanka bakabaca,bakabambika ibara kandi bagasenda izina ryanyu nk’akabi kubera Umwana w’umuntu.Nimunezerwe, muhimbarwe urya musi, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru; uko ni ko basokuru bagiriye abahanuzi.Yamara mweho rero muragowe, mwebwe batunzi,kuko mufise ikibanezereza!muragowe mwebwe muhimvye ubu,

kuko muzosonza!

Muragowe mwebwe mutwenga ubu,

kuko muzoba mu maganya!Muzoba mugowe umusi bose bazoba babavuga neza, kuko ba se

babigiriye abahanuzi b’ibinyoma.»