UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KUWA 14/09/2016. Ncuti z’Umusaraba,Hanga ryera ry’Imana mwese aho muri hose,shalom!Twagira tubibutseko aho bukera tuzoba dufise amasengesho azomara amasaha cumi n’abiri. Ni ukuvuga kuva 06h z’igitondo gushika 18h z’umugoroba. Ijambo ry’urufatiro: Gusaba uruzitiro no kudomwako ikimenyetso c’Imana mubihe bigoye abantu bagiye gucamwo. (Ivyah 7:1-3). Tuzosengera 1. uburinzi bw’ihanga ry’Imana
2.Gusenga tubaza Imana kugira ngo imenyeshe abayo igisigaye ngo bambuke,
3. Gusengera abapfunzwe,abahunze, impfuvyi, abapfakazi,n’abarwaye.
Tukaba turangije tubipfuriza kubana n’Imana mur’ico gikorwa,muvugutirwa kandi mwezwa. Murakoze cane. Bigiriwe I Bujumbura Ku was 13/09/2016.Abisezerano. http://www.abisezerano.com