Ibitangaza vyiyerekana kenshi

IGITANGAZA: MU BURUSIYA URUZI RWAHINDUTSE AMARASO==============================================
Mu gihugu c’uburusiya habonetse igitangaza aho uruzi rwahindutse amaraso,ivyo bikaba vyatumye abantu bagira ubwoba ndetse banabigereranya n’ivyabaye muri Egiputa ku ngoma ya FARAWO aho uruzi rwahinduka amaraso mu gihe Imana yari yarungitse ibihano mu gihugu kugira bikunde arekure abanyesirayeli yari yagize abaja igihe kirekire.
Nkuko tubimenyeshwa n’ikinyamakuru http://www.slate.fr ,ivyo bitangaza bikaba vyabaye kw’italiki ya 08/09/2016 aho uruzi rwitwa Daldykan babonye ruhinduka amaraso.Mu ntumbero yo kuremesha abanyagihugu,abarongozi b’ico gihugu bakaba baciye bihutira kumenyesha ko ivyo vyoba vyatewe n’amahinguriro akorera mu gisata c’ubutare(Nickel) ko aribo boba basutse imicafu muri urwo ruzi.Ariko kuri uyu wa 09/09/2016 ishirhamwe NORILSK NICKEL rikaba ryahakanye ivyo baryagiriza,mbere rigirako rinamenyesha ko ivyo vyorondererwa ahandi kuko bobo ataruhara na ruto babifisemwo.