Indwi ya 24/ kuwa 6

_*Indwi ya 24 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 35-37.42-49)*
Ncuti zanje,

Ubwo ntihobura uwombaza ngo: «Mbega, abapfuye bazuka bate? Bazukana umubiri muki?» Wa kijuju we, ico ubiba ntigisubira kuba kizima kitabanje gupfa, kandi ku vyerekeye ico ubiba, ntubiba umutumba uko utegerezwa kuba, ariko ubiba agatete uko kamye, ari ak’ingano canke akandi kose. Ni ko bimeze no mw’izuka ry’abapfuye: habibwa ikibora, hakazuka ikitabora; habibwa igikengerwa, hakazuka igihimbara; habibwa ikidakomeye, hakazuka igikomeye; habibwa umubiri w’inyama, hakazuka umubiri w’umutima. Usangwa hariho umubiri w’inyama, hariho kandi umubiri w’umutima.

Ni uko rero, Adamu wa mbere yari umuntu yagabanye ubuzima, Adamu wa nyuma na we, ari we Kristu, ni we wa mutima utanga ubuzima. Mugabo ntihatanguye kuboneka uw’umutima, hatanguye uwugenzwa n’umubiri; hanyuma haza nyenumutima. Kubera ko yabumbwe mw’ivu, umuntu wa mbere yavuye mw’isi; umuntu wa kabiri we yavuye mw’ijuru. Uko uwavuye mw’ivu ameze, ni ko kandi abavuye mw’ivu bazoba; uko uwavuye mw’ijuru ameze, ni ko kandi abavuye mwijuru bazoba. None rero, nk’uko twashushanijwe n’uwavuye mw’ivu, ni ko tuzoshushanywa n’uwavuye mw’ijuru.
*IZABURI 55 (56) 10, 11-12, 13-14b*
*Icit.: Nzogendera imbere y’Imana mu muco w’ubuzima!*
Umusi nzokwakura,

abansi banje bazosubira inyuma,

kuko nzi neza ko Imana indwanira.
Imana ni yo ininaharisha ijambo ryayo,

Umukama ni we aninaharisha ijambo ryiwe.

Imana ni yo nizigiye , nta co ngitinya,

umuntu yoshobora kungira iki?
Mana yanje, ivyo nakuraganiye biri kuri jewe;

nzogushikanira inkuka zo kugushimira.

Egome, warankijije urupfu,

untesha gutsitara.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Hahiriwe uwuzigama ijambo ry’Imana mu mutima mwiza w’umwete, agaheza akagira ico yimarira kuko ahozako._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (8, 4-15)*
*Muri irya misi, ishengero ryari ryakinje kandi abantu bashikuka bava mu bisagara vyose baza iyo Yezu ari. Abacira rero umugani ati: «Umubivyi yaritoye atwara imbuto kubiba. Mu gihe ariko aramija, intete zimwe zimijukira ku nzira barazihonyanga; inyoni zo mu kirere na zo zirazinoba, ntihasigara na rumwe. Izindi na zo zigwa ku rutare; zimaze kumera, zica ziruma zibuze akabobera. Izindi zigwa mu mahwa; birakurana, arahava arazizinga. Izindi zigwa mu busize bwinjiye ; ziramera zirakura, zimburwamwo ibirengeye ijana izari zabibwe.» Ahejeje kubivuga, ashira ijwi hejuru ati: «Uwuri n’amatwi y’ukwumva niyumve!» Abigishwa biwe bamubaza ico uyo mugani umenyesha. Abishura ati: «Mweho mwarahawe kumenya amabanga y’Ubwami bw’Imana, abandi bo bavyumva mu migani, kugira ngo baravye n’amaso yabo ntibabone, bateze amatwi ntibategere. Ng’iki rero ico uyo mugani uvuga: Iyo mbuto ni Ijambo y’Imana. Abo ku nzira ni abantu bumvise rya Jambo, hanyuma shetani iraza, iraribakura mu mutima ngo boye kwemera n’ugukira. Abo ku rutare ni abakirana akanyamuneza rya Jambo mu gihe baryumviriza, ariko kubera ko ata shimikiro bafise, ukwemera kwabo kumara akanya gusa, bapfa guhura n’ibibagora bagaca badohoka. Abo ku mahwa ni abantu bamvise rya Jambo, ariko mu gihe borikurikije, umwitwarariko w’ivyo hasi, itunga be n’ibindi bibaryohera bikabarengera, bagapfanirana. Abo mu busize nyabwo ni abantu bumvise rya Jambo, bakarizigama mu mutima mwiza w’umwete, bagaheza bakagira ico bimarira kuko bahozako.»*