Yakobo yitegereje Yosefu yamubonamwo umwana mwizaBenewabo bitegereje Yosefu bamubonamwo karosi w’imburakimazi
Ingenzi zitegreje Yosefu zamubonamwo umugurano
Potifari yitegereje Yosefu yamubonamwo umukozi mwiza
Muka Potifari yitegereje Yosefu amubonamwo uwo bashobora gukorana ivyaha
Abarongoye ibohero bitegereje Yosefu bamubonamwo umufungwa
Mbega ukuntu abo bose bihenda kuri Yosefu!
Imana yitegereje Yosefu yamubonamwo umushikiranganji wambere wa Egiputa muri kazoza
Ntugacibwe intege nivyo abantu bakubobamwo ahubwo uterwe intege nico Imana ikubonamwo.
Ntugakengere umuntu ubona hafi yawe kuko ntuzi ico Imana yamushizemwo.
Umukozi wawe ashobora kuba muri kazoza azoba umurongozi (DG) w’ishirahamwe rizoha akazi umwana wawe
Umukozi wo murupangu iwawe ashobora kuzovamwo umukuru w’igihugu muri kazoza
Wibuke ko Dawidi yasizwe amavuta yo gutoranywa kuba umwami yari umwungere w’intama
Esiteri yari impfuvyi iri ngaho mugabo azovamwo umwamikazi muri kazoza
Reka dusangire urukundo rw’Imana kandi iyi si tuyigire ahantu heza ho kuba, bikore mugusangira ubu butumwa nabo ukunda.