_*Indwi ya 25 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)*_*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (3, 27-34)*
Mwananje, ntukanke kugirira neza abo bibereye,
mu gihe ugifise uburyo bwo kubikora.
Ntukabwire mugenzawe uti: «Genda, uzogaruka hanyuma,
ejo ni ho nzoguha», mu gihe ubishobora muri uwo mwanya.
Ntukigire inama yo kugirira nabi mugenzawe,
kandi asanzwe na we agusizeko umushaha.
Ntugatongane n’uwundi mupfa ubusa,
ata kibi yakugiriye.
Ntukagirire ishari umuntu w’amamyama,
ntugace mu nzira yiwe;
kuko ikidambidambi gitera iseseme Umukama,
akuzura riho n’abantu b’intungane.
Umuvumo w’Umukama ugwa ku nzu y’umubisha,
ariko agahezagira urugo rw’intungane.
Acokora abacokoranyi,
agatera iteka abicisha bugufi.
*IZABURI 14 (15) 1a.2, 3b-4b, 5*
*Icit.*: Umweranda ni we azoba
mu ngoro y’Imana.
Mbega, Mukama, ni nde azoshobora kwinjira mu ngoro yawe?
Hazoshika umweranda yigenza neza:
umwe akora ibitunganye,
kandi avuga ukuri kuva ku mutima.
Urya atambika ibara abandi ngw’agunge abagenzi,
ntarabane akagaye mugenziwe;
inkozi y’ikibi yo ayirabisha agakengero,
ariko yama asonera abubaha Umukama.
Niyaba agurana amahera, ntarondere inyungu,
akanka kwakira impera yo kugura intungane.
Uwugira gutyo ntazokwigera atirigana.
_*NKURU NZIZA*_
_*Aleluya, aleluya.*_
_Ijambo ryawe,_ _Mukama,_ _riramboneshereza_
_mu rugendo rwanje,_
_ni ryo rumuri rw’inzira yanje._
_*Aleluya.*_
_*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (8, 16-18)*_
*Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati:* *«Nta wudomeka itara ngo aryubikeko urujo canke ngo arinyegeze mu rutara, ariko arishira ahabona ngo abinjira babone iyo baca.* *Kuko ata canyegejwe kitaruhira guseruka, kandi nta cagumye mu mpisho kitazogaragara ku murango.*
*Nimwitegereze ivyo mwumva!* *Kuko uwuri n’ico afise bazomwongerereza;* *na yo umuntu ata co afise, n’utwo nyene agira ngo arafise bazotumwaka.»*