Ntukizigire amajambo yabantu naho yoba meza gute.

Uko mpabwa mu mutima wanje n’uko bene aya ma messages ava ku mpwemu y’ukwifuza idafatiye ku kumigabo yo kugendera mu kuri no kugororoka Kristo Yesu Umwami wacu atwigisha. Soma neza 2Tim.4:1-5 uca unyurwa. Wihweje neza abagendana bene aya ma messages ni bamwe bafise ivyo bita »message du jour » ku bantu bose, kandi ugasanga iyo message ari iyo umugisha wo mu buryo bw’umubiri, ariko Yesu yigishije abamuhisemwo ngo bagendere mu nzira yabaciriye, nayo ni iy’umusaraba. Abo nagiye nsangana bene izo messages kenshi na kenshi bazana impari uzanye ubutumwa bwo kugororoka kuko principe spirituel babamwo ibabwira ko ata vyo kwikoroga n’ibituma twikoroga n’ibitubabaza ukundi nk’ukwiyeza, kwatura icaha, kuko ngo Yesu yarabihejeje ngo turi mu buntu. Ubuntu koko buriho, ariko bukavugwa mu buryo bwo kwihimbarirwa mw’isi. Ndakunda bene abo bantu, kuko ni abantu beza bifuza ko twese tumererwa neza. Ndabkundira ko gusoma ivyabo bimpa akaryo ko gusubira kuvuga ubutumwa nari nanumye. Ndababwire ko kunezerwa ko muri ubwo buryo gukomoka kuri Satani arwanya umusaraba. Abari muri izo mpwemu kenshi usanga batatura ivyaha vyabo ngo barahariwe, kandi banagendera mu buhumane bw’uburyo bwinshi, Satani akanabatera ubwibone bwo kwishigikira mu kibi. Bene Data, ibi simbivuze mu gucira imanza umuntu n’umwe kuko nanje nfise urubanza rwanje. Ntanze umuco nk’uko nahawe kugira dukuzanye ata buryarya bwo guca amanota ku bantu ngo bibazigirize hanze y’ubuntu nyabwo. N’ukuri mbivugishwa n’urukundo, ntawe nifuza kuremesha mu kibi kugira ngo ankunde. 

Iyaba kunyanka vyomutera gukunda Kristo, yobura anyanka. Ariko akwiye kukunda nanje kuko Kristo ari muri jewe. Mbega, bagenzi, biroroshe kwemerwa ko inzozi z’abantu hafi amajana ane n’ivyifuzo vy’abubaha Imana n’abatayubaha 400, bigira vyishurwe ? Si ivyo gusa, ngo tubibwire vuba n’abandi bose tutahishuriwe? Ivyo vyose tubikorere muri kameremere yo kunezereza abantu buntu gusa ? Murumva ko izo mpwemu atari iz’Imana yarungitse umwana wayo w’ikinege ngo abambwe ku musaraba kubw’ivyaha vyacu atari kubw’ukuronka ama visas n’ama diplômes n’ukubaka amazu, kuko izo ni zo ndoto z’abantu tutavanguye abana b’Imana n’ab’isi. Uko niko Yesu ubwiwe yabavanguye muri Yoh.17:9. Birazwi rero ko Ibiza birondera isi yose ari ibiva kuri wa mwami w’epfo yagabiwe isi. Mube maso rero. Dr. Longin, ndagushimiye cane. Unfashije gukura impene mu ntama nk’uko naraye ndabihawe ubwanje. Imana yo mw’ijuru ikongerereze umugisha wo kugira amaso y’impwemu abona n’ubwenge buva kuri Bwenge, Kristo Yesu. Amen.

 Eric Shima